1 Ab’i Tesalonike 4
4
Ukw Abakristo bakwiye kumera
1 #
2 Tes 3:6. Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo. 2Murazi ivyagezwe twahawe n’Umwami Yesu kubabarira ivy’ ari vyo. 3#1 Tes 5:23; Heb 10:10; 1 Pet 1:16.Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; 4#1 Kor 6:13, 15.kugira ng’ umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha, 5#Yer 10:25; Zab 79:6.atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira; 6#Zab 94:2.ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye. 7#2 Tes 2:13, 14.Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa. 8#Luk 10:16; Ezk 36:27; 37:14.Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.
9 #
Yoh 13:34; Yer 31:33, 34. Arikw ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuk’ ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana; 10#2 Tes 3:4.kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b’i Makedoniya hose. Ariko bene Data turabahanūra ngo murushirize kugira rwinshi. 11#Ef 4:28; 2 Tes 3:8, 12.Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk’uko twababariye, 12#Kol 4:5; 1 Kor 5:12, 13.kugira ngo mugendane ingeso nziza ku bo hanze, kandi mutagira ico mukennye.
Ukw abapfuye bazozuka
13 #
1 Kor 15:20; Ef 2:12. Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’ abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. 14#Rom 14:9; 1 Kor 15:3, 4, 12.Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw abāsinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we. 15#1 Kor 15:51; 7:10, 25.Iki ni co tubabgira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebge abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. 16#1 Kor 15:52; 2 Tes 1:7.Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; 17#Yoh 12:26; 17:24.maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami. 18Nuko mwiruranishe ayo majambo.
Currently Selected:
1 Ab’i Tesalonike 4: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967