YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Tesalonike 5

5
Ivy’ ukugaruka kw’Umwami Yesu
1 # Mat 24:36. Ariko bene Data, ivy’ ibihe n’imisi ntimurinda kuvyandikirwa. 2#Mat 24:42-44; 2 Pet 3:10; Ivyah 3:3; 16:15.Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro. 3#Yer 6:14; Yoh 16:21, 22; Mat 24:39; Luk 21:34, 35.Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya. 4Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ubūbīre nk’igisuma: 5#Rom 13:12; Ef 5:9.kuko mwese mur’ abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntitur’ ab’ ijoro cank’ ab’ umwiza. 6Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza. 7Kukw abasinzira basinzira mw ijoro, n’ababorerwa baborerwa mw ijoro. 8#1 Tes 1:10; 2 Tes 2:14.Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.#Ef 6:14-17; Yes 59:17. 9Kukw Imana itādushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo, 10#1 Tes 4:14; Rom 14:8, 9.ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu. 11#Yud 1:20.Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.
Impanūro
12 # 1 Kor 16:18; 1 Tim 5:17. Ariko bene Data, turabinginga, mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra, 13mububahe rwose mu rukundo kubg’ igikorwa cabo. Mubane amahoro. 14#2 Tes 3:6, 11, 15.Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose. 15#Imig 20:22; Rom 12:17; 1 Pet 3:9.Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose. 16#Flp 4:4.Munezerwe imisi yose; 17#Luk 18:1; Rom 12:12; Kol 4:2.musenge ubudasība; 18#Ef 5:20.mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu. 19#1 Kor 14:1, 29, 30, 39.Ntimukazimye Mpwemu; 20ntimugakengere ivy’ abavugishwa n’Imana; 21#1 Yoh 4:1.mugerageze vyose, mugumye ivyiza, 22#Yob 1:1, 8; 2:3.mwirinde icitwa ikibi cose.
23 # 2 Tes 3:16. Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira. 24#1 Kor 1:9; 2 Tes 3:3.Ībahamagara n’iyo kwizigirwa; no kubikora izobikora.
25 # 2 Tes 3:1. Bene Data, mudusengere.
Amajambo yo guherezako
26 # 1 Kor 16:20. Muramukishe bene Data kugumbirana kwera. 27Ndabarahiye Umwami wacu, iki cete ntikize kibure gusomerwa bene Data bose. 28Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in