YouVersion Logo
Search Icon

1 Ab’i Tesalonike 3

3
Ivyo Timoteyo yatumwe
1 # Ivyak 17:14, 15. Nuko tutagishoboye kwihangana, dushima gusigara twenyene muri Atenayi, 2#Ivyak 16:1-3.dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu, 3#Ef 3:13; 2 Tim 3:12; 2 Tes 1:4.kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge anyiganyizwa n’ayo marushwa: kuk’ ubganyu muzi yukw ar’ ico twashiriweho nyene. 4#2 Tes 3:10; Ivyak 14:22.Kandi hamwe twari kumwe namwe, twababūriye yuko tutazobura kubabazwa; kandi ni ko vyābaye, murabizi. 5#Flp 2:16.Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.
6 # Ivyak 18:5. Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y’ukwizera kwanyu n’urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk’uko natwe tubakumbura. 7#2 Tes 1:4.Ni co catumye bene Data, turemeshwa kubganyu n’ukwizera kwanyu, mu mubabaro wacu wose no mu marushwa. 8Kuko none turiho, asangwa muhagaze mu Mwami. 9N’ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubganyu, kubg’ umunezero wose tubanezererwa imbere y’Imana yacu? 10Dusenga cane ijoro n’umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.
11 # 2 Tes 2:16. Non’ Imana yacu ubgayo, ni yo Data wa twese, n’Umwami wacu Yesu, agorore inzira yacu yo kuza iyo. 12Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge: 13#Flp 1:10; 2 Tes 1:7, 10.kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

Video for 1 Ab’i Tesalonike 3