1 Ab’i Tesalonike 2
2
Paulo yerekana uko yavuze ubutumwa bgiza
1 #
1 Tes 1:5, 9; 2 Tes 3:7. Bene Data, ubganyu murazi yuk’ ugushika muri mwebge kwacu kutābaye ukw’ ubusa: 2#Ivyak 16:20-24; 17:1-5.ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi. 3Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge: 4#Yer 11:20; Gal 1:10; 1 Tim 1:11.ariko nk’ukw Imana yatwemeye ko tur’ abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk’abagomba kunezereza abantu, ariko nk’abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu. 5#Ivyak 20:33; Mrk 12:40; 2 Pet 2:3.Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo. 6#Yoh 5:41, 44.Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo. 7Ariko twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’ umurezi abungabunga abana biwe. 8Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.
9 #
1 Kor 4:12; Ivyak 20:34. Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra. 10Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo: 11#Ivyak 20:31.nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe, 12#Ef 4:1; Flp 1:27; 2 Tes 1:5; 1 Pet 5:10.kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.
Ukw abavuga ubutumwa bāgiriwe nabi
13 #
1 Tes 1:2; Gal 1:11; 2 Tes 2:13. Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera. 14Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda, 15#Ivyak 2:23; 7:52.bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose; 16#Ita 15:16; Mat 23:32, 33.batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.
Uko Paulo yakunda ab’i Tesalonike
17 #
Rom 1:11, 13. Ariko twebge, bene Data, hamwe twatandukanywa namwe igihe gito ubg’ amaso, ariko si mu mutima, twarushirije kugira umwete wo kubonana namwe imbonankubone, tubafitiye inkumbu nyinshi: 18kuko twagomba kuza i wanyu, mbere jewe Paulo kubigomba si rimwe ni kabiri kose, Satani akatubuza. 19#Flp 2:16; 4:1; 2 Tes 1:4.Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira? 20Kukw ari mwebge cubahiro cacu n’umunezero wacu.
Currently Selected:
1 Ab’i Tesalonike 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967