Itanguriro 11
11
Umunara wa Babeli
1Muri ico gihe, abantu bose baba kw’isi bavuga ururimi rumwe, bagakoresha n’amajambo amwe. 2Bamaze kwimukira mu buseruko, basanga ikiyaya mu gihugu ca Shinari, baca bagereraho.
3Nuko baravugana bati: “Nimuze tubumbe amatafari tuyaturire neza.” Muri ico gihugu bubakisha amatafari mu gishingo c’amabuye n’ikaburimbi mu gishingo c’isima n’umusenyi. 4Baravuga bati: “Nimuze twiyubakire igisagara gifise umunara ushika mw’ijuru. Ivyo bitume tumenyekana cane kandi bitume tudashwiragira kw’isi yose.”
5Maze Uhoraho amanukanwa no kuraba ico gisagara n’umunara abo bantu bariko barubaka. 6Aravuga ati: “Aba bantu bagiye hamwe kandi bavuga ururimi rumwe. Ko batanguye gukora ibi, nta kintu na kimwe bazoshaka gukora kizobananira. 7Reka tumanuke dutume haba indimi nyinshi, maze bazazanirwe vyanke ko bumvikana.”
8Uko ni ko Uhoraho yabashwiragirije kw’isi yose, bituma batabandanya kwubaka ca gisagara. 9Ni co gituma ico gisagara ciswe Babeli, kuko aho ni ho Uhoraho yateye abantu kuzazanirwa kubera indimi nyinshi, maze abashwiragiza kw’isi yose.
Kuva kuri Shemu gushika kuri Aburamu
10Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Shemu.
Shemu amaze imyaka ijana, aca avyara Arupakisade; aho hari haheze imyaka ibiri inyuma y’umwuzure. 11Arupakisade amaze kuvuka, Shemu yabayeho iyindi myaka amajana atanu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
12Arupakisade amaze imyaka mirongo itatu n’itanu, yavyaye Shela. 13Shela amaze kuvuka, Arupakisade yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
14Shela amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Eberi. 15Eberi amaze kuvuka, Shela yabayeho iyindi myaka amajana ane n’itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
16Eberi amaze imyaka mirongo itatu n’ine, yavyaye Pelegi. 17Pelegi amaze kuvuka, Eberi yabayeho iyindi myaka amajana ane na mirongo itatu, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
18Pelegi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Rewu. 19Rewu amaze kuvuka, Pelegi yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
20Rewu amaze imyaka mirongo itatu n’ibiri yavyaye Serugi. 21Serugi amaze kuvuka, Rewu yabayeho iyindi myaka amajana abiri n’indwi, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
22Serugi amaze imyaka mirongo itatu, yavyaye Nahori. 23Nahori amaze kuvuka, Serugi yabayeho iyindi myaka amajana abiri, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
24Nahori amaze imyaka mirongo ibiri n’icenda, yavyaye Tera. 25Tera amaze kuvuka, Nahori yabayeho iyindi myaka ijana na cumi n’icenda, ayivyaramwo abandi bahungu n’abakobwa.
26Tera amaze imyaka mirongo indwi, yavyaye Aburamu, Nahori na Harani.
Uruvyaro rwa Tera
27Uru ni rwo rukurikirane rw’abagize umuryango wa Tera.
Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. Harani na we yavyaye Loti. 28Ariko Harani yapfiriye muri Uri mu Bakaludaya, mu gihugu ciwe c’amavukiro, se Tera akiriho. 29Maze Aburamu na Nahori na bo bararongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi; umugore wa Nahori na we yitwa Milika, akaba yari umukobwa wa Harani, uwo Harani ni we yari se wa Isika kandi. 30Sarayi yari ingumba, ntiyashobora kuronka umwana.
31Umusi umwe Tera ava muri Uri mu Bakaludaya aja i Kanani ajanye na Aburamu umuhungu wiwe, n’umwuzukuru wiwe Loti, umuhungu wa Harani, hamwe n’umukazana wiwe Sarayi, umugore wa Aburamu. Ariko bashitse i Harani, baca bagereraho.
32Tera yamaze imyaka amajana abiri n’itanu, hanyuma apfira i Harani.
ទើបបានជ្រើសរើសហើយ៖
Itanguriro 11: BKC
គំនូសចំណាំ
ចែករំលែក
ចម្លង
ចង់ឱ្យគំនូសពណ៌ដែលបានរក្សាទុករបស់អ្នក មាននៅលើគ្រប់ឧបករណ៍ទាំងអស់មែនទេ? ចុះឈ្មោះប្រើ ឬចុះឈ្មោះចូល
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.