Itanguriro 31

31
Yakobo ava kwa Labani
1Bidatevye, Yakobo yumva ko abahungu ba Labani bidoga bati: “Yakobo yatwaye ivya data vyose. Ubutunzi afise yabukuye mu vyo data yari atunze.” 2Kandi Yakobo atangura kubona ko Labani atakimuraba ryiza.
3 Uhoraho abwira Yakobo ati: “Subira mu gihugu ca ba sogokuruza, mu ncuti zawe; nanje nzobana na we.”
4Nuko Yakobo atumako Leya na Rasheli bamusanga mu gahinga aho yari aragiye imikuku. 5Arababwira ati: “Ndabona ko so atakindaba ryiza nk’uko vyahora. Ariko Imana ya data yabanye nanje. 6Murazi ko nakoreye so n’inguvu zanje zose, 7ariko we yarandenganije, ahindura impembo yanje incuro icumi. Ariko Imana ntiyakunze ko ankorera ikibi. 8Igihe cose so yavuze ati: ‘Ibitungwa vyose bifise amabara ni vyo bizoba impembo yawe,’ imikuku yose yaca ivyara ibifise amabara. Igihe cose yavuze ati: ‘Ibifise amabara y’imirongo bizoba impembo yawe,’ haca havuka ibifise amabara y’imirongo gusa. 9Ni muri ubwo buryo Imana yafashe ibitungwa vya so ikabimpa.
10Igihe kimwe ibitungwa biriko birima, nabonye mu ndoto ko impfizi zariko zirimya zari zifise amabara y’imirongo canke amabara atandukanye. 11Maze muri iyo ndoto umumarayika w’Imana arampamagara ati: ‘Yakobo.’ Nanje nditaba nti: ‘Sabwe.’ 12Arambwira ati: ‘Ehe raba! Impfizi zose ziriko zirimya umukuku zifise amabara y’imirongo n’amabara atandukanye. Ibi ndabigize uko kuko nabonye ingene Labani yakurenganije. 13Ndi ya Mana yakwiyerekera i Beteli, hamwe washinga ibuye ry’icibutso ukarisukako amavuta, hanyuma ukahagirira indahiro. Ubu rero va muri iki gihugu usubire mu gihugu wavukiyemwo.’ ”
14Rasheli na Leya baramubwira bati: “Mbega hari ico tukirindiriye kuragwa mu vya data? 15Ntasigaye adufata nk’abanyamahangakazi? Amaze kutugurisha, yaciye akoresha uko ashaka amahera wadukoye. 16Ubutunzi bwose Imana yaguhaye buvuye mu vya data, ni ubwacu n’abana bacu. Kora rero ico Imana yakubwiye.”
17Nuko Yakobo ashira abagore n’abana biwe ku ngamiya, 18ashorera imikuku yiwe yose imbere yiwe, hamwe n’ubutunzi bwose yaronkeye i Padani-Aramu, aja mu gihugu c’i Kanani, aho se Isaka yaba.
19Igihe bafata urugendo, Labani yari yagiye gikemuza intama ziwe. Nuko Rasheli yiba ibigirwamana vyo mu nzu ya se arabijana. 20Yakobo yacitse Labani Umwaramu atigeze amubwira ko ashaka kugenda. 21Nuko Yakobo ajana ivyiwe vyose, ajabuka uruzi Efurate, atumbereye mu misozi ya Gileyadi.
Labani akurikira Yakobo
22Haheze imisi itatu, Labani amenya ko Yakobo yahunze. 23Nuko akoranya abo mu muryango wiwe, bagira urugendo rw’imisi indwi bakurikira Yakobo, maze bamuhambiriza mu misozi y’i Gileyadi. 24Ariko Imana ivugana na Labani Umwaramu mu ndoto mw’ijoro iti: “Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi.”
25Nuko Labani ahamvya Yakobo kuri uwo musozi. Yakobo yari yashinze ihema mu misozi y’i Gileyadi, maze Labani n’abajanye na we na bo bashinga iryabo hafi y’aho. 26Labani abaza Yakobo ati: “Ibi wakoze ni ibiki? Ni kuki wambeshe ukajana abakobwa banje nk’abanyazwe mu ntambara? 27Ni kuki watorotse winyegeje, ukambesha ntumbwire ko ushaka kugenda? Nari kugutegurira umusi mukuru, nkagusezera n’indirimbo, n’ingoma n’inanga. 28Ni kuki utampaye akanya ko gusezera abakobwa banje n’abazukuru banje mu kubagumbira? Wakoze ivy’ubupfu! 29Nashobora kukugirira nabi, ariko Imana ya so yanyiyeretse iri joro, irambwira iti: ‘Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi.’ 30Ndazi ko wafashe ingingo yo kugenda kuko ukumbuye cane abo mu nzu ya so, ariko none ni kuki wivye imana zanje?”
31Yakobo yishura Labani ati: “Nari mfise ubwoba kuko nibaza ko ushobora kunyaka abakobwa bawe ku nguvu. 32Ariko ku bijanye n’imana zawe, zirondere. Umuntu uzisangana ace yicwa. Kandi imbere y’izi ncuti zacu, ikindi kintu cose cawe utora, ndakigusubiza!” Ariko Yakobo ntiyari azi ko ari Rasheli yari yivye vya bigirwamana vyo mu nzu ya se.
33Nuko Labani atangura kuronderera mw’ihema rya Yakobo, hanyuma aja mu rya Leya no mw’ihema rya za ncoreke zibiri, ariko ntiyagira ico abona. Mu nyuma aja mw’ihema rya Rasheli. 34Ariko Rasheli yari yafashe vya bigirwamana abishira musi y’ico bicarako ku ngamiya, aca avyicarako. Labani ararondera mw’ihema ryiwe, ntiyagira ico ahabona.
35Rasheli abwira se ati: “Nyakwubahwa, ntunshavurire ngo sinahagurutse imbere yawe, ndi mu bihe vy’imihango y’abagore.” Nuko Labani abandanya arondera ariko ntiyashobora kubona vya bigirwamana vyo mu nzu yiwe.
36Maze Yakobo arashavura, abwira Labani ati: “Ni ikihe caha unyagiriza? Nakoze ikibi ki caguteye kunkurikirana nk’uwukurikirana umwicanyi? 37Ko warondeye mu vyanje vyose, hari ikintu co mu rugo rwawe wabonye? Cerekane imbere y’incuti zanje n’incuti zawe kugira ngo bakibone, maze batubere abacamanza twe nawe!
38Maranye nawe imyaka mirongo ibiri ndagiye imikuku yawe. Ico gihe cose nta ntama canke impene yaramburuye kandi nta mpfizi n’imwe yo mu mikuku yawe nabaze ngo ndayirye. 39Igihe cose igitungwa cishwe n’igikoko, sinigeze ndakikwereka. Ni jewe nibwiriza kugisubiriza. Wansavye kukuriha igitungwa cose cibwe, haba ku murango canke mw’ijoro. 40Nagukoreye mu bushuhe buteye ubwoba ku murango no mu mbeho yo mw’ijoro sinatora agatiro. 41Iyi myaka mirongo ibiri ndayimaranye nawe. Nagukoreye imyaka icumi n’ine kugira ngo umpe abakobwa bawe babiri, hanyuma ndagukorera imyaka itandatu ndagiye imikuku yawe. Kandi wahinduye impembo yanje incuro icumi zose! 42Iyo Imana ya data, Imana ya Aburahamu, Imana iteye ubwoba ya Isaka itaja kuba iri kumwe nanje, wari kunyirukana iminwe misa. Ariko Imana yarabonye umubabaro wanje n’ubutame bwanje. Ni co gituma yakwiyeretse iri joro, ikakugabisha.”
43Labani yishura Yakobo ati: “Aba bagore ni abana banje, aba bana ni abuzukuru banje, kandi iyi mikuku ni iyanje; ibi ubona vyose ni ivyanje. Ubu nta co ngishobora gukora ku bakobwa banje no ku bana bavyaye. 44Ingo tugirane isezerano twe nawe, maze rize ribe icabona hagati yanje nawe.”
45Nuko Yakobo afata ibuye arishinga nk’icibutso. 46Abwira abari kumwe na we ati: “Nimwegeranye amabuye.” Baca barayegeranya bagira ikirundo cayo, hanyuma basangirira hambavu y’ico kirundo c’amabuye. 47Labani acita Yegari Sahaduta, bisigura “ikirundo c’icabona” mu rurimi rw’Icarameya, Yakobo na we acita Galedi, bisigura “ikirundo c’icabona” mu rurimi rw’Igiheburayo.
48Labani aravuga ati: “Iki kirundo c’amabuye ni icabona hagati yanje nawe uno musi.” Ni co gituma aho hantu hiswe Galedi. 49Ariko kandi bahita Misipa, bisigura “umunara wo gushibamako”, kuko Labani yavuze ati: “Uhoraho agumize amaso yiwe kuri twebwe, nitwamara gutandukana. 50Niwafata nabi abakobwa banje canke ukarongora abandi bagore, Imana izoba ibibona naho ata wuzoba abibona. Ni yo cabona muri iri sezerano tugiranye.”
51Labani yongera abwira Yakobo ati: “Urabona iki kirundo c’amabuye nashize hagati yanje nawe n’iri buye ry’icibutso. 52Ibi ni ivyabona vy’isezerano tugiranye. Sinzokwigera ndengana iki kirundo c’amabuye ngo nze kugukorera ikibi; kandi nawe ntuze wigere urengana iki kirundo c’amabuye canke iri buye ry’icibutso ngo uze kungirira nabi. 53Imana ya Aburahamu n’Imana ya Nahori, ari yo Mana ya sewabo, ize itubere umucamanza.”
Maze Yakobo arahira mw’izina ry’Imana iteye ubwoba ya se Isaka, 54abaga igitungwa, agitangako ikimazi kuri uwo musozi, maze atumira incuti ziwe gusangira na we. Bahejeje gufungura, barara kuri uwo musozi.
55Labani avyuka kare mu gitondo, agumbira abuzukuru biwe n’abakobwa biwe, arabahezagira, arabasezera, asubira iwe.

اکنون انتخاب شده:

Itanguriro 31: BKC

های‌لایت

به اشتراک گذاشتن

کپی

None

می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید