Itanguriro 30
30
1Rasheli abonye ko adashoboye kuvyarira Yakobo abana, aca agirira ishari mukuruwe. Abwira Yakobo ati: “Mpa abana, bitagenze uko ndapfa!”
2Yakobo ashavurira Rasheli, aramubaza ati: “Mbe mbaye Imana, ko ari yo yatumye utavyara?”
3Rasheli aramwishura ati: “Fata incoreke yanje Biluha, uryamane na we kugira ngo amvyarire abana, maze biciye muri we nanje ngire uruvyaro.”
4Nuko amuha ya ncoreke yiwe Biluha nk’umugore, Yakobo aryamana na we. 5Biluha asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu. 6Rasheli aravuga ati: “Imana yanciriye urubanza rwiza! Yarumvise ugusenga kwanje maze impa umuhungu.” Nuko amwita Dani.
7Biluha, incoreke ya Rasheli, yongera gusama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira kabiri. 8Rasheli aravuga ati: “Nagwanye intambara ikomeye na mukuru wanje, ariko ndanesheje.” Nuko amwita Nafutali.
9Leya na we abonye ko atagisama inda, afata incoreke yiwe Zilupa, ayizanira Yakobo nk’umugore. 10Zilupa incoreke ya Leya na yo ivyarira Yakobo umuhungu. 11Leya aravuga ati: “Iki ni igihamana.” Nuko amwita Gadi.
12Zilupa, incoreke ya Leya, yongera avyarana na Yakobo uwundi muhungu. 13Leya aravuga ati: “Ndanezerewe cane! Kuva ubu abandi bagore bazonyita umuhirwe.” Nuko amwita Asheri.
14Umusi umwe, hari mw’iyimbura ry’ingano, Reyubeni yamura ivyamwa vyitwa mandaragore mw’ishamba, abizanira nyina Leya. Rasheli abwira Leya ati: “Ndakwinginze umpe kuri mandaragore umuhungu wawe yazanye.”
15Ariko Leya amwishura ashavuye ati: “Mbega kuntwara umugabo ntivyari bihagije? Ubu na ho ushaka gutwara mandaragore umwana wanje yazanye?”
Rasheli aramwishura ati: “Niwampa ku vyamwa umuhungu wawe yazanye, urashobora kurarana na Yakobo iri joro.”
16Ku mugoroba Yakobo avuye mu mirima, Leya aja kumusanganira. Aramubwira ati: “Utegerezwa kuryamana nanje, namaze kubiriha mandaragore umuhungu wanje yamuye.” Nuko aryamana na we iryo joro.
17Imana yishura isengesho rya Leya, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatanu. 18Leya aravuga ati: “Imana impaye impera kuko natanze incoreke yanje nkayiha umugabo wanje nk’umugore.” Nuko amwita Isakari.
19Leya yongera gusama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatandatu. 20Leya aravuga ati: “Imana yampaye ingabire nziza. Ubu umugabo wanje agiye kunyubaha, kuko ndamuvyariye abahungu batandatu.” Nuko amwita Zebuloni.
21Mu nyuma Leya avyara umukobwa, amwita Dina.
22Maze Imana yibuka Rasheli, yishura amasengesho yiwe, imushoboza kuvyara. 23Nuko asama inda avyara umuhungu, aravuga ati: “Imana inkuyeko agakengerwe.” 24Nuko amwita Yosefu, kuko yavuga ati: “Icompa Uhoraho akanyongera uwundi muhungu.”
Ukugwira kw’imikuku ya Yakobo
25Haheze igihe gito Rasheli avyaye Yosefu, Yakobo abwira Labani ati: “Ndungika kugira ngo nsubire i muhira, mu gihugu canje c’amavukiro. 26Mpa abagore banje n’abana banje, kuko nabaronse mbanje kugukorera, hanyuma undeke nigire. Urazi neza ko nagukoreye neza.”
27Labani aramwishura ati: “Nimba ngiriwe ubuntu imbere yawe, ndakwinginze ugume hano, kuko imana zanje zaramenyesheje ko Uhoraho yampezagiye ku bwawe!” 28Yongerako ati: “Mbwira ivyo ngufitiye, ndabiguha uko bingana kwose.”
29Yakobo aramwishura ati: “Urazi ingene nagukoreye neza, n’ingene imikuku yawe yagwiriye kubera jewe. 30Wari ufise bike igihe naza hano, ariko raba ubutunzi bwawe bwaragwiriye cane. Uhoraho yaraguhezagiye kuva igihe nashikiye mu rugo rwawe. None nanje nzotangura ryari gukorera umuryango wanje?”
31Labani aramubaza ati: “Ushaka ko nguhemba iki?”
Yakobo na we ati: “Ntugire ico umpa. Ico ngusavye, ni uko wondeka nkabandanya ndagira nongera nzigama imikuku yawe. 32Nyemerera ngenzure imikuku yawe yose uno musi, hanyuma nkuremwo intama zose zirabura hamwe n’impene zose zifise amabara. Izo abe ari zo umpa nk’impembo yanje. 33Niwaza kugenzura ibitungwa wampaye nk’impembo muri kazoza, bizokworohera kubona ko ndi imvugakuri. Niwasanga impene n’imwe itagira amabara canke intama itirabura, uzoca umenya ko zibwe.”
34Labani aravuga ati: “Ndavyemeye, reka tubigenze uko ubivuze.” 35Ariko uwo musi nyene Labani aca aragenda, akura mu mikuku yiwe impfizi z’impene zifise amabara hamwe n’impene zivyara z’amabara canke zera hamwehamwe, n’intama zose zirabura; azizeza abahungu biwe. 36Hanyuma abarungika kure y’aho Yakobo yari ari, nk’urugendo rw’imisi atatu. Yakobo na we asigarana izisigaye mu mukuku wa Labani.
37Nuko Yakobo aca inkoni zo mu biti vyitwa popula, alumonde na palatane, arazishishura ku mpande zimwezimwe, ku buryo izo nkoni zerekana uturongo twera. 38Hanyuma ashira za nkoni yashishura ibicebice imbere y’intama n’impene, mu vyo zanyweramwo amazi, kuko zakunda kwima zije kunywa amazi. 39Kandi izimiye imbere y’izo nkoni, zaca zivyara izifise imirongo n’amabara. 40Yakobo aca atandukanya izo zivutse n’umukuku wa Labani kandi azirabisha iyo umukuku wa Labani ugizwe n’iz’amabara n’izirabura uri. Uko ni ko yagwije umukuku wiwe, awutandukanya n’uwa Labani. 41Igihe cose intama canke impene zivyara z’inguvu hageze ko zima, Yakobo yaca ashira za nkoni imbere yazo aho zanywera amazi, kugira ngo zimire imbere y’izo nkoni. 42Ariko ivyo ntiyabigira ku bitungwa vy’amagara make. Ibitungwa bitobito vyari ivya Labani, ivy’amagara meza bikaba ivya Yakobo. 43Ivyo vyatumye Yakobo atunga cane. Yari afise imikuku minini y’intama n’impene, abamukorera b’abagabo n’abagore, ingamiya n’indogoba nyinshi.
اکنون انتخاب شده:
Itanguriro 30: BKC
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.