1
Matayo 8:26
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.
مقایسه
Matayo 8:26 را جستجو کنید
2
Matayo 8:8
Ariko, uwo musoda nawe aca amwishura ati: “Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira.
Matayo 8:8 را جستجو کنید
3
Matayo 8:10
Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku.
Matayo 8:10 را جستجو کنید
4
Matayo 8:13
Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: “Genda bikubere uko nyene uvyizeye.” Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.
Matayo 8:13 را جستجو کنید
5
Matayo 8:27
Maze bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
Matayo 8:27 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها