YouVersion Logo
Search Icon

Zakariya 1

1
Ukuburira abantu ngo bagaruke k’Uhoraho
1Mu kwezi kugira umunani kw’umwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, rivuga riti:
2Uhoraho yarashavuriye cane ba sogokuruza banyu. 3Nuko rero, bwira abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimungarukeko,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nanje nzobagarukako,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 4Ntimumere nka ba sogokuruza banyu, abo abavugishwa banje ba kera babwiye bati: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi, ariko ntibanyumvire canke ngo banshireko n’umutima, ni ko Uhoraho avuze. 5None ba sogokuruza banyu ubu bari he? Mbega abavugishwa n’Imana bamaho ibihe vyose? 6Mbega none amajambo yanje n’ivyo nashinze nkabishikiriza abasavyi banje navugisha ntivyashitse kuri ba sogokuruza banyu?
Maze barihana bavuga bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose yadukoreye ibikwiranye n’ingeso zacu n’ibikorwa vyacu, nk’uko yari yagabiye kubitugirira.’ ”
Umuntu agendera ku ndogoba
7Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’indwi, mu kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido.
8Mw’ijoro nabonye ivyo neretswe, maze imbere yanje hari umugabo yari yicaye kw’ifarasi ifise ibara rigomba gutukura kandi na yo yari ihagaze mu biti vyitwa mirite, ahantu h’umwonga. Inyuma yiwe hari ayandi mafarasi na yo nyene y’akagajo, ayagomba kwera hamwe n’ayera.
9Ndabaza nti: “Izo farasi zisigura iki, ga Mwami wanje?”
Umumarayika yariko aravugana nanje aranyishura ati: “Ndakwereka ivyo ari vyo.”
10Maze wa mugabo yari ahagaze muri vya biti vyitwa mirite, aransigurira ati: “Ni abo Uhoraho arungitse kugendura isi yose.”
11Maze baha icegeranyo wa mumarayika w’Uhoraho yari ahagaze musi y’ivyo biti bati: “Twagenduye isi yose kandi twasanze isi yose itekanye iri mu mahoro.”
12Maze wa mumarayika w’Uhoraho arishura ati: “Uhoraho Mushoboravyose, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye kumara iyi myaka mirongo indwi yose?” 13Maze Uhoraho abwira amajambo meza kandi aremesha wa mumarayika yavugana nanje.
14Nuko wa mumarayika yariko aravugana nanje ambwira ati: “Semerera ubu butumwa ubwire abantu bose uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngize ipfuhe ku bwa Yerusalemu na Siyoni, 15kandi ndashavuriye cane amahanga yibereye mu mutekano no mu mahoro. Nari narashavuriye gatoya abantu banje, ariko ayo mahanga yabahaye igihano kirengeje.’
16Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzohindukirira Yerusalemu mfise imbabazi, kandi aho ni ho Ingoro yanje izosubira kwubakwa. Kandi umugozi wo gupima uzosubira kugororwa i Yerusalemu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
17Semerera umenyeshe abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ibisagara vyanje bizosubira kwuzura bisesekare ivyiza, kandi Uhoraho azosubira kuremesha Siyoni no gutoranya Yerusalemu.’ ”
Ivy’amahembe ane n’abacuzi bane
18Maze ndavye hejuru, mbona imbere yanje amahembe ane. 19Mbaza wa mumarayika yariko aravugana nanje nti: “Ibi ni ibiki?”
Anyishura ati: “Ayo mahembe aserukira amahanga ane yashwiragije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.”
20Nuko Uhoraho anyereka abacuzi bane. 21Ndabaza nti: “Abo baje gukora iki?”
Aranyishura ati: “Wabonye ya mahembe ane ari yo mahanga yashwiragije Abayuda kugira ngo ntihagire uwuzokwongera kuvyura umutwe. Aba bacuzi bazanywe no gutera ubwoba ayo mahanga no guca ayo mahembe yayo yadugije ngo agwanye Abayuda no gusanzaza abantu baho.”

Currently Selected:

Zakariya 1: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in