Zakariya 13
13
Ukwozwa ivyaha
1“Kuri uwo musi iriba rizotoborerwa abo mu nzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu, kugira ngo ruboze icaha n’ubuhumane.
2Kuri uwo musi, nzozimanganya abasenga ibigirwamana mu gihugu, ku buryo n’amazina yavyo atazosubira kwibukwa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Nzokuraho ba kamenyi n’impwemu ihumanya mu gihugu. 3Kandi nihagira n’umuntu n’umwe yongera kuvugishwa, se na nyina bamwivyariye, bazomubwira bati: ‘Ntugenda udapfuye, kuko wavuze ibinyoma mw’izina ry’Uhoraho.’ Maze abavyeyi biwe bwite ni bo bazomusogota.
4Kuri uwo musi umuntu wese avugishwa azogira isoni zo kuvuga ko yeretswe. Kandi ntibazosubira kwambara impuzu zibaranga nk’abavugishwa kugira ngo babeshe abantu. 5Umwe wese azovuga ati: ‘Sindi umuvugishwa. Ndi umurimyi; mbeshejweho n’ukurima isi kuva mu buto bwanje.’ 6Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo bikomere ku mubiri wawe vyavuye kuki?’ bazomwishura bati: ‘Ni ivyo nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje.’
Umwungere akubiswe, intama zirasanzara
7Vyuka, yewe wa nkota, ukubite umwungere wanje,
ukubite urya muntu ari hafi yanje,”
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
“Kubita umwungere,
intama zisanzare,
nanje nzohindukiriza ukuboko kwanje kugwanya imyagazi.
8Mu gihugu cose, ni ko Uhoraho avuze,
babiri kuri batatu bazokwicwa;
umwe muri batatu ni we azosigara.
9Abo bazoba basigaye, ni bo nzocisha mu muriro;
nzobamara inkamba nk’ifeza
ndabagerageze nk’inzahabu.
Bazokwambaza izina ryanje
nanje nzobishura;
nzovuga nti: ‘Ni abantu banje,’
na bo bazovuga bati: ‘Uhoraho ni we Mana yacu.’ ”
Currently Selected:
Zakariya 13: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.