Roma Intangamarara
Intangamarara
Ikete Pawulo yandikiye Abakristo b’i Roma, ririmwo ubutunzi bukomeye ari co gituma iryo kete rifise ikibanza kinini mw’ivugabutumwa no muri kahise k’Ishengero.
Igihe Pawulo yandika iri kete, yari ahejeje kwegeranya imfashanyo z’Abakristo b’i Yerusalemu (15:22-26), agira aje i Yudaya (Ivyakozwe 20:11). Ni ukuvuga rero ko yaryanditse ari mu rugendo rwiwe rwa gatatu rwo gukwiza Ubutumwa Bwiza, mu mezi atatu yamaze i Korinto (hagati y’imyaka ya 56 na 58 inyuma y’ivuka rya Yesu Kristo). Umugore yitwa Foyibe yakorera Imana mw’ishengero ry’ahitwa Kenkireya (ku bilometero bikeya uvuye i Korinto), ni we yatwaye iryo kete (16:1).
Ico gihe Pawulo ntiyari bwigere aja ku mugwa mukuru w’ubwami bw’Abaroma: yari yagumye aronka ibimubuza kujayo (15:20-24), ariko yari azi Abakristo benshi bo mw’ishengero ryaho, bari bahuriye ahandi, bakaba ari na bo aramutsa muri rino kete (16).
Imbere yuko abagendera, yabanje kubategurira urutonde rw’ivyizerwa rukristo vyerekeye agakiza, kugira ngo iryo shengero ribe ryubatswe ku rufatiro rukomeye rw’ukwizera, urwo abakurikira inyigisho z’idini ry’Abayuda (abari basanzwe bagwanya Pawulo) batashobora kuronka. Ikindi yashaka, kwari kugira ngo rikurire mu bumwe kandi rishobore kumushigikira mu masengesho. Ku musi wo kubagendera, yipfuza ko vyoca bimworohera kuja kubwira Ubutumwa Bwiza abo mu gihugu ca Esupanye avuye ngaho.
Pawulo amaze gutanga insiguro y’Ubutumwa Bwiza mu gice ca mbere (aho avuga ko ari ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza), aca yinjira mw’ido n’ido ryayo.
Atangura yerekana ko icaha cafashe isi yose: Abanyamahanga nta citwazo bafise imbere y’Imana (1:18-32), ariko kandi n’Abayuda na bo ni co kimwe (2:17-29). Nimba abantu bose bakora ibibi (3:1-20), bose bashobora guharurwa nk’abagororotsi biciye mu kwizera (3:21-31). Ni ko vyagenze kuri Aburahamu (4). Abatsinzwe n’urubanza muri Adamu nta handi bemerwa nk’abagororotsi atari muri Kristo Yesu (5). Mu gice ca 6 n’ica 7 Pawulo yishura abamuhaririza bagwanya Ubutumwa Bwiza. Na canecane, yerekana atomoye uruhara rw’Ivyagezwe “vyera” kandi “bitunganye,” ko bifasha umuntu kumenya icaha (7:1-12), kandi ko icaha ari co gituma umuntu akora ikibi, atari ivyagezwe bibimutuma (7:13-25). Mpwemu Yera na we (8) atugira abana b’Imana, akatubera umutabazi.
Kuva ku gice ca 9 gushika ku ca 11, havuga ibizoba ku Bisirayeli mu mugambi w’Imana wo kubashikana ku gakiza: benshi mu Bisirayeli baranse Ubutumwa Bwiza (9:30–10:20). Ariko Imana ntiyahevye ubwoko bwayo (11), ahubwo hariho isezerano rirengeye ubwenge yatanze rivuga ngo: “Abisirayeli bose bazokizwa” (umurongo wa 26).
Kuva ku gice ca 12 gushika ku ca 15, tuhabona iciyumviro kimwe nyamukuru. Intumwa Pawulo arangiza ikete ryiwe avuga ingene umubano mw’Ishengero (12:1-16; 13:8–15:7) no hanze y’Ishengero (12:17–13:7) ukwiye kumera: uwo mubano utegerezwa kurangwa n’ikimenyetso c’urukundo.
Currently Selected:
Roma Intangamarara: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.