Roma 1
1
1Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana, 2ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera. 3Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi, 4maze yerekanwa mu bushobozi ko ari Umwana w’Imana mu buryo bwa Mpwemu Yera, igihe yazuka mu bapfuye. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu. 5Biciye muri Kristo, twagiriwe ubuntu bwo kuba intumwa mu Banyamahanga aho bari hose no kubabwira ivyo Imana yabakoreye, kugira ngo bayizere bongere bayumvire, maze biheshe icubahiro izina ryayo. 6Namwe abari i Roma muri bamwe muri abo Banyamahanga bahamagariwe kuba aba Yesu Kristo.
7Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe:
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.
Pawulo yipfuza kugendera ab’i Roma
8Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje, ndabicishije kuri Yesu Kristo ku bwa mwebwe mwese, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose. 9Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka 10igihe cose nsenze. Kimwe mu vyo nsengera, ni uko Imana, nimba bihuye n’ugushaka kwayo, yomfasha kugira ngo nshobore kuza kubaramutsa.
11Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire ziva kuri Mpwemu, zibakomeze mu Mwami. 12Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu. 13Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza n’ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.
14Kuko ntegerezwa kwitaho bose, abantu bose; abateye imbere n’abadateye imbere, abize n’abatize. 15Ni co gituma, mfise inyota yo kubabwira Ubutumwa Bwiza namwe ababa i Roma.
16Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. 17Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”#1:17 Habakuki 2:4
Uburake bw’Imana butewe n’ivyaha
18Uburake bw’Imana bwarahishuwe buvuye mw’ijuru, ubwo irakira ukutayubaha kwose n’ububi bw’abantu, kuko mu ngeso zabo mbi bagwanya ukuri ngo ntikugaragare. 19Yamara ibikenewe vyose kugira ngo bamenye Imana biragaragara mu maso yabo, kuko Imana ubwayo yabishize ahabona. 20Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.
21Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima. 22Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu. 23Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.
24Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo. 25Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, basenga ivyaremwe baranabikorera mu kibanza c’Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.
26Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha gukoresha imibiri yabo mu buryo bunyuranye n’ubwo yaremewe. 27N’abagabo na bo bahevye kuryamana n’abagore babo nk’uko Imana yabitegekanije, biyononesha kwipfuzanya hagati yabo. Abagabo bakoranye n’abandi bagabo ibiteye isoni, hanyuma bahabwa igihano gikwiranye n’ubuzimire bwabo.
28Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ivyo batari babereye gukora. 29Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ubukozi bw’ikibi bw’uburyo bwose, ukwipfuza ibintu, urwanko, ishari, ubwicanyi, gutongana, gusukana, guhendana, urusaku, 30kuvuga nabi abandi, kwanka Imana, gutukana, kwibona, kwishira hejuru, ubuhizi mu gukora ikibi, kugarariza abavyeyi, 31guhindagurika, kudashitsa ivyo bemeye, kugira imitima ikomantaye hamwe no kutagira impuhwe. 32Kandi naho bazi ko Imana ihanisha urupfu abakora ivyo, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.
Currently Selected:
Roma 1: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.