YouVersion Logo
Search Icon

Roma 9

9
Pawulo yumvira umubabaro Abisirayeli
1Mvuga ukuri kuko ndi uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe: 2umutima wanje wuzuye intuntu n’umubabaro udahera 3ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa. 4Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yarabemeye nk’abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igirana amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo. 5Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.
Uguhitamwo kw’Imana
6Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli. 7Kandi abakomoka kuri Aburahamu bose, ntibaca baba uruvyaro rwiwe nyakuri. Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Uruvyaro nagusezeraniye uzoruronka biciye muri Isaka.”#9:7 Itanguriro 21:12 8Ibi bisigura ko abavutse mu buryo bw’umubiri kuri Aburahamu atari bo bana b’Imana, ahubwo abavutse mu buryo bw’isezerano ni bo bana ba Aburahamu b’ukuri. 9Imana ni yo yatanze isezerano iravuga iti: “Umwaka ugeze aha uwu ugeze, nzogaruka kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu.”#9:9 Itanguriro 18:10,14
10Uwo mwana ni sogokuruza wacu Isaka. Igihe yarongora Rebeka yamuvyayeko abana babiri b’amahasa. 11Ariko imbere y’uko bavuka, batarakora ikibi canke iciza, aronka ijambo rivuye ku Mana. Iryo jambo ryavuga ko Imana itoranya abantu ikurikije intumbero yayo, itaravye ibikorwa vyabo. 12Yamubwiye iti: “Bukuru azokorera butoyi.”#9:12 Itanguriro 25:23 Ivyo yabivuze imbere y’uko bavuka; 13nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Nakunze Yakobo, Esawu we ndamwanka.”#9:13 Malaki 1:2,3
14None ivyo bivuga ko Imana irenganya? Haba na mba! 15Kuko Imana yabariye Mose iti:
“Nzogirira imbabazi uwo nzohitamwo kuzigirira,
kandi nzogirira impuhwe uwo nzohitamwo kuzigirira.”#9:15 Kuvayo 33:19
16Nuko rero, ni Imana ihitamwo uwo igirira imbabazi. Ntidushobora kubihitamwo canke ngo tubikorere. 17Kuko Ivyanditswe Vyera biravuga kuri Farawo, umwami wa Egiputa ngo: “Naguhisemwo kugira ngo nerekanire kuri wewe ubushobozi bwanje kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.”#9:17 Kuvayo 9:16 18Nuko rero, Imana ihitamwo kwerekana imbabazi zayo ku bo igomba kuzerekanirako, kandi igahitamwo gukomantaza imitima y’abo igomvye.
19Urashobora kuvuga uti: “Nimba ibintu bimeze gutyo, ni kuki Imana ivuga ko abantu batayumvira? Mbega ni nde ashobora kwanka ugushaka kwayo?” 20Ariko none uri nde wewe ngo uharirize Imana? Mbega ikibumbano cobwira uwakibumvye kiti: “Ni kuki wambumvye gutya?”#9:20 Yesaya 29:16; 45:9 21Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo kubumba mw’ibumba rimwe inkono ishobora gukoreshwa ivy’iteka, n’iyindi igenewe ibikorwa bisanzwe?
22N’Imana na yo, naho ifise uburenganzira bwo kwerekana uburake n’ubushobozi bwayo, irihanganira cane abantu bategerezwa kurandurwa n’uburake bwayo. 23Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera. 24Kandi natwe turi muri abo yatoranije, bamwe ibakuye mu Bayuda abandi ibakuye mu Banyamahanga. 25Imana yaravugishije Hoseya ku vyerekeye abanyamahanga iti:
“Abantu batahora ari abantu banje, nzobita abantu banje;
kandi abo ntahora nkunda, nzobakunda”#9:25 Hoseya 2:23;
26mbere,
“Mu kibanza babwiriwemwo ngo:
‘Ntimuri abantu banje,’#9:26 Hoseya 1:10
ni ho bazobwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima.’ ”
27Ku vyerekeye Isirayeli, Yesaya yarasemereye avuga ati:
“Naho Abisirayeli ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga,
bakeya gusa ni bo bazorokoka.
28Kuko Uhoraho azoshitsa
kuri iyi si ivyo yavuze avyuzuze rwose kandi ningoga.”#9:28 Yesaya 10:22,23
29Kandi ivyo Yesaya yari yarabivugishijwe imbere y’aho ati:
“Iyo Uhoraho Mushoboravyose
atadusigariza abadukomokako bakeya,
tuba twararanduwe nk’ab’i Sodomu,
tuba twaraherengetejwe nk’ab’i Gomora.”#9:29 Yesaya 1:9
Ukutizera kw’Abisirayeli
30Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko Abanyamahanga batigeze barondera ukugororoka, bakuronse baguhawe n’ukwizera. 31Ariko Abisirayeli bagerageje cane kwemerwa n’Imana mu gukurikiza ivyagezwe, ntibigeze babishikako. 32Ni kuki bitashoboka? Kuko baguma barondera kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwumvira ivyagezwe aho kwizera Imana. Uko ni ko batsitaye kuri rya buye ritsitaza, 33iryo Ivyanditswe Vyera bivugako ngo:
“Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza,
n’urutare rugwisha.
Ariko uwumwizera ntazokwigera amaramara.”#9:33 Yesaya 8:14; 28:16

Currently Selected:

Roma 9: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in