Roma 10
10
1Bene Data, ico umutima wanje wipfuza cane kandi nsaba Imana, ni uko Abisirayeli bose bokizwa. 2Ndashobora gushinga intahe y’uko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri. 3Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, maze baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe. 4Mu vy’ukuri Kristo yashikije intumbero ivyagezwe vyari vyarashiriweho. Ni co gituma umuntu wese amwizeye aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi.
5Kuko Mose yanditse avuga ati: “Umuntu ashaka kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi yisunze ivyagezwe, azobeshwaho na vyo.”#10:5 Abalewi 18:5 6Ariko ukwemerwa n’Imana nk’umugororotsi biciye mu nzira yo kwizera kuvuga kuti: “Ntukibaze mu mutima ngo mbega ni nde azoduga mw’ijuru?”#10:6 Gusubiramwo 30:12 (bisigura, kuzana Kristo kw’isi) 7canke ngo: “Ni nde azomanuka i kuzimu iyo abapfuye bari?”#10:7 Gusubiramwo 30:13 (bisigura: kuzura Kristo mu bapfuye). 8Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ijambo riri hafi yawe; mbere riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe.”#10:8 Gusubiramwo 30:14 Iryo jambo ni bwo Butumwa bwo kwizera tuvuga. 9Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa. 10Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuye n’akanwa kiwe bituma akizwa. 11Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Umuntu wese amwizera ntazokwigera amaramara.”#10:11 Yesaya 28:16 12Kandi kuri ivyo, nta tandukaniro riri hagati y’Abayuda n’abanyamahanga, kuko bose bafise Umwami umwe kandi atanga cane agahaza ivyiza uwumwambaje wese. 13Kuko “Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.”#10:13 Yoweli 2:32
14None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye? 15Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!”#10:15 Yesaya 52:7
16Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”#10:16 Yesaya 53:1 17Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo. 18Ubu rero ndabaza: mbega none Abayuda iryo jambo nta ryo bumvise? Egome cane bararyumvise! Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
“Ijwi ryumvikanye mw’isi yose;
kandi ivyavuzwe vyashitse ku mpera z’isi.”#10:18 Zaburi 19:4
19Nkongera nkabaza nti: Mbega Abisirayeli ntibigeze baritahura? Egome cane bararitahuye, kuko Mose ari we yabanje kuvuga ati:
“Nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga;
ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.”#10:19 Gusubiramwo 32:21
20Mu nyuma, Yesaya na we yavuze ashize amanga ati:
“Nabonywe n’abatariko baranandondera,
niyereka abatariko baranabaza ivyanje.”#10:20 Yesaya 65:1
21Ariko ku vyerekeye Isirayeli, Imana yaravuze iti:
“Umusi wose niriwe nshanje amaboko,
ndayategeye ubwoko butumvira kandi bw’intagondwa.”#10:21 Yesaya 65:2
Currently Selected:
Roma 10: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.