YouVersion Logo
Search Icon

Roma 5

5
Amahoro n’ivyizigiro
1Ni co gituma, kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye. 2Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana. 3Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana. 4Ukwo kwihangana gutuma tugwiza inkomezi zo mu mutima, izo na zo zikaduha kugumana ivyizigiro. 5Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.
6Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe gikwiye Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha. 7Gupfira umugororotsi bisanzwe bigoye; naho womenga birumvikana ko hatobura uwemera gupfira umuntu w’intungane. 8Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.
9Ikindi, ko twemewe n’Imana nk’abagororotsi kubera amaraso ya Kristo, nta nkeka ko n’uburake bw’Imana na bwo azobudukiza. 10Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe. 11Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.
Urupfu rwazanywe na Adamu, ubugingo buzanwa na Kristo
12Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.
13Mu vy’ukuri, n’imbere y’uko Imana iha Mose Ivyagezwe, icaha cari mw’isi. Ariko Imana nta n’umwe yacagiriza kuko ata vyagezwe vyari bwatangwe. 14Yamara kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Mose, abantu bagumye bapfa, mbere n’abatarenze ku cagezwe bahawe n’Imana nk’uko Adamu yakirenzeko, barapfuye. Uwo Adamu yari ishusho ya Kristo, uwari agiye kuzoza.
15Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’igicumuro ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera igicumuro c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye cane ivyo. 16Ibiva mu ngabire y’ubuntu bw’Imana biratandukanye cane n’ivyavuye mu gicumuro c’umuntu umwe kuko inyuma y’icaha ca Adamu hakurikiye gutsindwa n’urubanza, ariko ingabire y’ubuntu bw’Imana yatumye twemerwa na yo naho dufise ivyaha vyinshi bitwagira. 17Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.
18Ni ukuri, nk’uko igicumuro c’umuntu umwe, ari we Adamu, cazaniye abantu bose gutsindwa n’urubanza, ni ko n’igikorwa kimwe co kugororoka ca Yesu cazaniye abantu bose kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi no kuronka ubugingo. 19Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe nyene, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.
20Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo ibicumuro bigwire. Ariko uko abantu barushirije gukora ivyaha, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kugwira. 21Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.

Currently Selected:

Roma 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in