Roma 15
15
1Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa. 2Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera. 3Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”#15:3 Zaburi 69:9 4Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.
5Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu, 6kugira ngo mwese hamwe muhimbaze Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo n’umutima umwe n’ijwi rimwe.
7Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro. 8Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza. 9Vyongeye, yazanywe no kugira ngo n’Abanyamahanga na bo bahabwe akaryo ko guhimbaza Imana kubera imbabazi zayo, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
“Ni co gituma nzogutazira mu Banyamahanga;
nzotazira izina ryawe mu ndirimbo.”#15:9 2 Samweli 22:50; Zaburi 18:49
10Ivyanditswe birabandanya bikavuga ngo:
“Yemwe Banyamahanga, nimunezeranwe n’ubwoko bwayo.”#15:10 Gusubiramwo 32:43
11Ahandi na ho bikavuga biti:
“Nimutazire Uhoraho, yemwe Banyamahanga mwese,
namwe mahanga, nimumushire hejuru.”#15:11 Zaburi 117:1
12Ahandi na ho Yesaya yavugishijwe ati:
“Uwukomoka kuri Isayi azoza;
azohaguruka kugira ngo aganze amahanga;
muri we ni ho Abanyamahanga bose
bazoshira ivyizigiro.”#15:12 Yesaya 11:10
13Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.
Pawulo intumwa mu Banyamahanga
14Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya. 15Ariko ndabandikiye kuri bimwebimwe nshize amanga nk’uwubibutsa kubera ubuntu Imana yangiriye 16bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera.
17Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu. 18Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana. 19Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu. 20Ico namye nipfuza kwari ukuvuga Ubutumwa Bwiza ahantu izina rya Kristo ritarigera rivugwa, kugira ngo sinubake ku rufatiro rwashizweho n’uwundi muntu. 21Nakoze nisunze iri jambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga riti:
“Abatigeze bumva ivyiwe, bazomubona;
kandi abatigeze bamwumva,
bazotahura ivyiwe.”#15:21 Yesaya 52:15
22Icatumye nteba kuza iwanyu, ni uko nariko ndavuga Ubutumwa muri izo ntara.
Pawulo ategura kuja i Roma
23Ubu rero ko nahejeje ibikorwa nahora nkorera muri izo ntara nkaba nari maze iyi myaka yose ndindiriye, ndipfuza cane kubagendera. 24Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivya nkenerwa kugira mbandanye urugendo. 25Ariko imbere yo kuza, nzobanza kuja i Yerusalemu gushikiriza bene Data baho imfashanyo. 26Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu. 27Ivyo babikoranye umunezero, ariko mu vy’ukuri bari babafitiye umwenda, kuko Abanyamahanga baronse umugisha wo mu buryo bw’impwemu uvuye ku Butumwa Bwiza bashikirijwe n’abizera b’i Yerusalemu. Ni co gituma na bo bahisemwo kubafashisha ku vy’ubutunzi bwabo. 28Ninaheza ico gikorwa co kubashikiriza iyo mfashanyo, nzoheza mpite ndabaramutsa ngiye muri Esupanye. 29Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye.
30Ariko bene Data, ndabinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo no mu rukundo rwa Mpwemu Yera ngo mumfashe kugwana intambara mu masengesho. 31Munsengere kugira ngo Imana ize indinde abatizera b’i Yudaya, kandi n’abizera na bo b’i Yerusalemu baze bemere imfashanyo ndabashiriye. 32Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe. 33Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen.
Currently Selected:
Roma 15: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.