YouVersion Logo
Search Icon

Roma 16

16
Intasho
1Ndafise ivyiza mvuga kuri mwene Data Foyibe, umudiyakonikazi mu rusengero rw’i Kenkireya. 2Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe.
3Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu. 4Ni kenshi bahatswe gupfa bagomba gukiza ubuzima bwanje. Ivyo, si jewe jenyene ndabibashimira, ariko ni amashengero yose y’Abanyamahanga.
5Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo.
Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.
6Muntahirize Mariya, yitanze cane mu gukorera mwebwe.
7Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.
8Muntahirize Ampuliyato, umukunzi wanje mu Mwami wacu.
9Muntahirize Uribano, uwo dusangiye igikorwa muri Kristo, na Sitakusi nkunda cane.
10Muntahirize Apelesi, umugabo yagaragaje ko ari umwizigirwa kuri Kristo.
Kandi muntahirize abo mu nzu kwa Arisitobulo.
11Muntahirize Herodiyoni, Umuyuda mugenzanje.
Muntahirize abo mu nzu kwa Narasisi bizera Umwami Yesu.
12Muntahirize Tirifina na Tirifoza, bitanze cane mu gukorera Umwami.
Muntahirize kandi n’umukunzi wanje Peresi, yitanze cane mu gukorera Umwami.
13Muntahirize Rufusi, yatoranijwe mu Mwami, hamwe na nyina kandi nanje yahavuye ambera mama.
14Muntahirize Asinkirito, Fulegoni, Heremesi, Patorobasi, Herumasi na bene Data bari kumwe na bo.
15Muntahirize Filologo, Yuliya, Nerewusi na mushikiwe, hamwe na Olumpa na bene Data bose bari kumwe na bo.
16Muramukanye mu kugumbirana kwera.
Amashengero yose ya Kristo arabatasha.
17Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo. 18Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe. 19Ariko abantu bose barazi ko mwumvira Umwami Yesu, kandi ivyo birampimbara cane. Ndagomba ko muba abanyabwenge mu kumenya ivyiza, ariko mu bibi mube nk’abatagira ico bazi.
20Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu.
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.
21Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje.
22Nanje Terutiyo, nafashije Pawulo kwandika iri kete, ndabaramukije mw’izina rya Yesu.
23Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa.
Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa.
[ 24Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amen.]#16:24 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
25Imana, yo ishobora kubakomeza mu kwizera, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga ihabwe icubahiro. Ubwo Butumwa buvuga Yesu Kristo kandi bwerekana umugambi Imana ifise kuri mwebwe abanyamahanga, wari waragizwe ibanga kuva kera. 26Ariko nk’uko abavugishwa n’Imana bari barabivuze kandi nk’uko Imana Ihoraho yari yarabitegetse kuva kera, ubwo butumwa bwarahishuwe kugira ngo abanyamahanga aho bari hose, na bo bashobore kuyizera no kuyumvira. 27Icubahiro cose kibe ic’Imana yo nyene ubwenge bwose, ibihe vyose mw’izina rya Yesu Kristo! Amen.

Currently Selected:

Roma 16: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in