Roma 14
14
Ntugacire imanza abandi
1Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza. 2Nk’akarorero, uwukomeye mu kwizera ashobora kurya indya zose. Uwundi na we, kubera atarakomera mu kwizera, agahitamwo kurya imboga gusa. 3Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye. 4Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.
5No ku vyerekeye imisi, hari uwiyumvira ko hari umusi wejejwe kuruta iyindi, uwundi akiyumvira ko yose ingana ku bijanye no gusenga Imana. Umuntu wese akwiye kumenya neza ivyo yizera ku giti ciwe. 6Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira. 7Erega nta muntu n’umwe muri twebwe abaho canke apfa ku bwiwe. 8Nimba turiho, tubayeho kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Kandi nimba dupfuye, dupfa kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Nuko rero turiho canke dupfuye, tuguma turi ab’Umwami Imana. 9Kuko icatumye Kristo apfa akazuka ni ukugira ngo abe umwami w’abazima n’abapfuye.
10None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana. 11Ivyanditswe Vyera bivuga biti:
“ ‘Ndahiye ukubaho kwanje,’#14:11 Yesaya 45:23 ni ko Uhoraho avuze,
‘amavi yose azompfukamira;
n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ ”
12Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.
13Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi. 14Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we. 15Iyo ivyo urya bitsitaza mwene Data wundi, hanyuma ugashishikara ubirya, ntuba ukiriko uragendera mu rukundo. Ntukemere rero ko indya urya zituma uwo Kristo yapfiriye akora icaha akaranduka. 16Wirinde kugira ngo ico ukoze ubona ko ari ciza coye gutukwa n’abantu. 17Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera. 18Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.
19None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu. 20Ntugasambure igikorwa c’Imana kubera ivyokurya. Mu vy’ukuri, nta co kurya na kimwe gihumanye, ariko ni bibi kurya indya zituma mwene Data wundi agwa mu caha. 21Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.
22Ico wizera kuri ivyo kibe hagati yawe n’Imana gusa. Hahiriwe umuntu akora ikintu yumva ko ari ic’ukuri ata jwi rimwagiriza mu mutima. 23Ariko iyo umuntu agikekeranya ku bijanye no kurya canke kureka kurya ikintu kanaka, iyo abirenzeko akakirya, aba yihamagariye gutsindwa n’urubanza, kuko ataba yemezwa neza ko ivyo ari vyo yari akwiye gukora. Ikintu cose umuntu akora kitavuye ku kwizera kimubera icaha.
Currently Selected:
Roma 14: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.