Roma 12
12
Ibimazi bifise ubugingo
1None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara. 2Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
Uko bikwiye kumera mu mubiri wa Kristo
3Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye. 4Nk’uko iyi mibiri yacu ifise ibihimba bitandukanye kandi ivyo bihimba bigakora ibikorwa bitandukanye, 5ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye. 6Dufise ingabire zitandukanye, bivanye n’ubuntu Imana yatugiriye. Nimba ufise ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubikore ukurikije ukwizera wahawe. 7Nimba ingabire yawe ari ugufasha abandi, ubikore neza. Nimba ingabire yawe ari ukwigisha, igisha neza. 8Nimba wahawe ingabire yo gutera intege abandi, ube uwutera intege koko. Nimba wahawe ingabire yo gutanga, tangana umutima ubikunze. Nimba wahawe kurongora abandi, ubikorane umwete. Nimba wahawe ingabire yo kugira impuhwe, uzigire unezerewe.
Ingene ubuzima bw’umukristo bukwiye kumera
9Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mufatane n’ivyiza. 10Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe. 11Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana. 12Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga. 13Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.
14Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire. 15Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo. 16Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.
17Ntimukishure inabi uwayibagiriye. Ahubwo mwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose. 18Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose. 19Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: “Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.”#12:19 Gusubiramwo 32:35 20Ikigeretseko:
“Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira;
niyanyoterwa umuhe ico kunywa.
Niwakora uko,
uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe.”#12:20 Imigani 25:21,22
21Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.
Currently Selected:
Roma 12: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.