1
Roma 12:2
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
Compare
Explore Roma 12:2
2
Roma 12:1
None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.
Explore Roma 12:1
3
Roma 12:12
Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.
Explore Roma 12:12
4
Roma 12:21
Ikibi ntikikakuneshe ngo abe ari co ukora, ariko ukinesheshe gukora iciza.
Explore Roma 12:21
5
Roma 12:10
Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.
Explore Roma 12:10
6
Roma 12:9
Urukundo rwanyu ntirube urw’agahemo. Mwanke ibibi, mufatane n’ivyiza.
Explore Roma 12:9
7
Roma 12:18
Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose.
Explore Roma 12:18
8
Roma 12:19
Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: “Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.”
Explore Roma 12:19
9
Roma 12:11
Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.
Explore Roma 12:11
10
Roma 12:3
Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.
Explore Roma 12:3
11
Roma 12:17
Ntimukishure inabi uwayibagiriye. Ahubwo mwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose.
Explore Roma 12:17
12
Roma 12:16
Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.
Explore Roma 12:16
13
Roma 12:20
Ikigeretseko: “Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira; niyanyoterwa umuhe ico kunywa. Niwakora uko, uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe.”
Explore Roma 12:20
14
Roma 12:14-15
Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire. Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.
Explore Roma 12:14-15
15
Roma 12:13
Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.
Explore Roma 12:13
16
Roma 12:4-5
Nk’uko iyi mibiri yacu ifise ibihimba bitandukanye kandi ivyo bihimba bigakora ibikorwa bitandukanye, ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.
Explore Roma 12:4-5
Home
Bible
Plans
Videos