YouVersion Logo
Search Icon

Roma 11

11
Imana ntiyahevye Abisirayeli
1Ndongera nkabaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini. 2Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati: 3“Uhoraho, bishe abavugishwa bawe, basangangura n’ibicaniro vyawe. Ni jewe jenyene nsigaye kandi nanje bariko barandondera ngo banyice.”#11:3 1 Abami 19:10,14 4Mbega inyishu y’Imana yabaye iyihe? Yamubwiye iti: “Naribikiye abantu ibihumbi indwi batigeze bapfukamira ikigirwamana Bayali ngo bagisenge.”#11:4 1 Abami 19:18 5No muri kino gihe ni ko bimeze, harasigaye Abisirayeli bakeya bakiri abizigirwa kuko ubuntu bw’Imana bwabazigamye. 6Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.
7Mbega ivyo bisigura iki? Bivuga ko benshi mu Bisirayeli bataronse kwemerwa n’Imana naho babironderana ishaka ryinshi. Ni abantu bakeya gusa batoranijwe n’Imana babironse, ariko imitima y’abandi yashishikaye gukomantara, 8nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
“Imana yabahinduye ibiyingiyingi;
bafise amaso ariko ntibabona,
bafise amatwi ariko ntibumva,
gushika n’uno musi.”#11:8 Gusubiramwo 29:4; Yesaya 29:10
9Dawidi na we yavuze, ati:
“Reka indya zo ku meza yabo zibabere umutego n’ikinogo co kugwamwo,
ibuye ritsitaza n’ingero bakwiranye.
10Reka amaso yabo ahume ntibashobore kubona,
n’imigongo yabo yame ihetamye ibihe vyose!”#11:10 Zaburi 69:22,23
Ukwemerwa kw’abanyamahanga
11Nuko rero ndabaza: None abantu b’Imana baratsitaye bagwa ubutakivyuka? Haba na mba! Ariko kugwa kwabo kwatumye agakiza gashikira Abanyamahanga, kugira ngo bibatere kugira ishari, maze bipfuze ako gakiza na bo. 12Nimba kutumvira kwabo kwatungishije isi kandi nimba Abanyamahanga bahawe umugisha n’uko Abisirayeli banse agakiza, iyumvire ingene isi izohezagirwa igihe bazohindukirira Imana n’imitima yabo yose.
13Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe, 14kugira ngo ntume Abisirayeli bagirira ishari ico mwebwe abanyamahanga mufise, bikunze ndokore bamwe muri bo. 15Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye! 16Nimba ikimanyu c’umukate cashikaniwe Imana nk’ivyeze ubwa mbere cejejwe, umukate wose uba wejejwe; kandi nimba imizi y’igiti yejejwe, n’amashami na yo nyene aba yejejwe.
17Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano. 18Nuko rero, ntimukishime kuri ayo mashami yaciwe, kuko mwebwe muri amashami gusa, ntimuri imizi. Imizi ni yo ibashigikiye. 19Ariko urashobora kuvuga uti: “Erega ayo mashami y’ukuri yaciwe kugira ngo nterwe mu kibanza cayo.” 20Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye. 21Kuko nimba Imana itihanganiye Abayuda bagereranywa n’amashami y’ukuri, na wewe yohava itakwihanganira.
22Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza. 23Kandi Abisirayeli nibemera guhindukira bakava mu kutizera kwabo, bazosubira baterwe ku giti bahozeko, kuko Imana irashoboye kubikora. 24Mu vy’ukuri, wewe muri kamere muntu kawe umeze nk’ishami ry’umwelayo wo mw’ishamba. Nimba rero Imana yakoze ikintu kinyuranye n’uko ibintu bisanzwe bimeze, ikemera kugutera ku mwelayo wo mu murima, bizoyorohera cane gusubiza amashami y’ukuri aho yahoze?
Abisirayeli bose bazokizwa
25Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye. 26Ico gihe, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe ngo:
“Umurokozi azova i Siyoni,
kandi azohindura aba Yakobo abakure mu kutubaha Imana.
27Iri ni ryo sezerano nzobashitsako
ninabakurako ibicumuro vyabo.”#11:27 Yesaya 59:20,21; 27:9; Yeremiya 31:33,34
28Benshi mu Bisirayeli ubu ni abansi b’Ubutumwa Bwiza, kandi ivyo bizanira inyungu mwebwe abanyamahanga. Ariko, ku bijanye no gutoranywa, iracabakunda kubera ba Sekuruza babo Aburahamu, Isaka na Yakobo. 29Kuko Imana idasubira ku ngabire yatanze canke ngo ihebe abo yatoranije, 30nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije. 31Babaye abagarariji, kugira ngo nk’uko namwe mwagiriwe imbabazi, na bo baze bazigirirwe. 32Kuko abantu bose baragararije Imana, bituma ibafata nk’imbohe. Ivyo ibikora kugira ngo ibagirire imbabazi bose.
Pawulo atangarira Imana
33Mbega ubwinshi bw’ubwenge n’ubumenyi vy’Imana!
Ingingo ifata ntizitahurika
kandi inzira zayo ntizimenyekana.
34“Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho?
Canke ni nde yayibereye umujenama?”#11:34 Yesaya 40:13
35“Hari uwoba yarigeze kugurana Imana
kugira ngo ize imwishure?”#11:35 Yobu 41:11
36Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo
kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro.
Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.

Currently Selected:

Roma 11: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in