Mika Intangamarara
Intangamarara
Uwavugishwa n’Imana Mika yava i Moresheti mu Buyuda (1:1; 1:14), mu bumanuko bushira uburengero bwa Yerusalemu. Yavugishijwe ku ngoma y’umwami Yotamu (hagati y’umwaka wa 750 n’uwa 732 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo), no ku ngoma ya Ahazi (hagati y’umwaka wa 735 n’uwa 715 hamwe n’igihe uwo mwami yari akiri mu batwarira umwami akiri muto, yatwaye hagati y’umwaka wa 735 n’uwa 732), hamwe rero no ku ngoma ya Hezekiya (hagati y’umwaka wa 715 na 686 hamwe no gufasha umwami akiri mutoya kurongora kwabaye hagati y’umwaka wa 729 n’uwa 727). Ni ukuvuga ko Mika yabonye isenyuka rya Samariya ryabaye mu mwaka wa 722, iryo yari yaravugishijweko (1:2-7). Yabayeho mu gihe ca Yesaya yongera ahuriza hamwe na we ku kuvugishwa ivy’ingoma izokwamaho y’Uhoraho i Siyoni, ahazoba umugwa mukuru wo gusengeramwo ku mahanaga yose (4:1-5; Yesaya 2:2-5). Ikibatandukanya ni uko Yesaya yaba mu gisagara akaba kandi yava mu muryango ukize, ivyo bigatuma aca akurikira cane ibijanye n’intwaro y’igihugu ciwe hamwe n’iy’amahanga. Mika wewe yava mu gihugu hagati, akaba ari co catuma yitwararika cane abanyagihugu batobato (2:1-2; 2:8-9; 3:2-3; n’ahandi).
Gutyo, nk’uko Amosi yamwitangiye imbere yabigize, Mika yahagurukanye inkomezi nyinshi agwanya akarenganyo hagati mu mibano (2:8-9; 3:2-3; 3:9-10; 6:10-12; 7:2-3; 7:5-6) yerekana ko ibikorwa vyose bijanye n’idini bakora, mugabo bitagiramwo ukubaho mu buzima bugororotse, ari ubusa (6:6-8). Co kimwe na Hoseya, akoresha ikigereranyo c’urubanza rw’Imana rwo kuburanya abantu bayo rwari rubarindiriye kubera ko bwavuye mw’isezerano (1:2; 6:1). Ni we yabaye uwa mbere mu kuvugishwa ivyerekeye ugusenyurwa kwa Yerusalemu (3:12), ivyo na vyo bikaba vyaributswe n’abantu bo mu gihe ca Yeremiya naho hari haheze ikinjana cose abivuze (Yeremiya 26:18).
Naho biri uko, Uhoraho ntazoheba abantu biwe. Azokwegeranya amasigarira makeya y’intama z’ubusho bwiwe nka kurya kw’umwungere, yongere abatahukane gushasha nk’uko vyagenze mu kuva muri Egiputa (7:14-15). Ukwo gutahuka kuzoba ukw’igitangaza gusumvya ukwa mbere, kuko umwansi azotwarwa n’ikiyaga atazoba ari abasoda ba Egiputa (Kuvayo 14:27-28) ahubwo kizoba ari icaha c’ubwoko bw’Imana ubwabwo (7:19). Uhoraho azoragiza ubusho bwiwe umwungere w’umwami. Uwo na we azoburagira nka Se (2:12-13). Ubwo buvugishwa ni bwo Yesu agarukako mu mugani w’Umwungere Mwiza, kuko iki gitabu ni co conyene mw’Isezerano rya Kera gifatanya ikigereranyo c’umwungere n’irembo ry’intama (Yohana 10:7; Yohana 10:11).
Uwo mwungere akaba n’Umwami azova mu muryango wa Dawidi. Azovukira i Betelehemu nka Dawidi nyene (5:1). Igihe Herode yabaza abazi ivyanditswe Vyera bo mu gihe ciwe, aho Mesiya azovukira, bakoresheje ubwo buvugishwa mu kumwishura (Matayo 2:4-6; Yohana 7:41-42). Mu kuvuga ukuza kw’uwo mwami, Mika yishimikiza isezerano ryabaye kera, iryo Uhoraho yagiriye Dawidi, aho yamusezeranira ko uruvyaro rwiwe ruzokwama ku ngoma (2 Samweli 7:13-14). Ariko aho akoresha ijambo: “uwutegerezwa kuvyara” (5:3) bishoboka ko aba ariko aravuga ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavugishijwe, igihe yavuga ati: “Inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu; bazomwita Emanuweli” (Yesaya 7:14).
Ku ngoma y’uwo mwami, inganji yiwe izoshika ku moko yose, kandi abantu bose bazoba mu mahoro (4:1-5). Ariko imbere y’aho ubwoko bw’Imana buzoca mu makuba: bimere kurya kw’imibabaro y’ibise iyo umuvyeyi ageze kwibaruka (Mika 4:9-13). Agakiza kazoza ntikazoshikira bose, ariko kazoshikira bake bazoba barejejwe (4:6-8; 7:18).
Currently Selected:
Mika Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.