Mika 1
1
1Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Mika w’i Moresheti ku ngoma ya Yotamu n’iya Ahazi hamwe n’iya Hezekiya, abami b’i Buyuda, ngo avuge ivyo yeretswe kuri Samariya na Yerusalemu.
2Nimwumve, yemwe mahanga, nimwumve mwese;
umviriza, ewe wa si we hamwe na mwebwe mwese abayibako,
Uhoraho Nyeninganji ariko arabagiriza,
Uhoraho avuga ari mu rusengero rwiwe rwera.
Urubanza ruciriwe Samariya na Yerusalemu
3Raba, Uhoraho ariko araza ava iwe;
aramanutse aza kandi agendagenda ku dutwe tw’isi.
4Imisozi ishongera musi y’ibirenge vyiwe
n’ibiyaya birasadaguritse,
nk’ishashara ihuye n’umuriro,
nk’amazi atemba ahamanuka.
5Ivyo vyose ni kubera ukugabitanya kwa Yakobo,
kubera ivyaha vy’ab’inzu y’Abisirayeli.
Icaha ca Yakobo ni ikihe?
Mbega si Samariya?
Ikibanza co gusengeramwo ibigirwamana co ku mpinga z’umusozi ca Yuda ni ikihe?
Mbega si Yerusalemu?
6“Nuko rero nzohindura Samariya habe ikigunguzi c’umusaka,
ahantu ho kurima imizabibu.
Nzotembagariza amabuye yaho mu mwonga
amatanguriro yaho ndayasige agaragara.
7Ibigirwamana vyaho vyose bizomenagurwa;
amashikanwa y’ingoro zaho azotongorwa n’umuriro;
nzosambura ibishushanyo vyaho vyose.
Kuko vyavuye mu mashikanwa y’ingero z’abamaraya,
bizokwongera gukoreshwa kandi nk’ingero z’abamaraya.”
Kurira no Kugandara
8Kubera ivyo nzorira mboroge;
ngende gusa kandi ata birato nambaye.
Nzobweja nk’imbwebwe
kandi nzokwabira nk’inyanana.
9Kuko igikomere ca Samariya kidakira;
carandagase gishika n’i Buyuda.
Cashitse no kw’irembo ry’abantu banje,
mbere n’i Yerusalemu ubwaho.
10Ntimubibwire abansi b’i Gati;
ntimurire na gatoya.
Yemwe bantu b’i Beti-Leyafura,
nimwikumbagaze mu mukungugu.
11Nimurengane muri ubusa mumaramaye,
yemwe ababa i Shafiri.
Ababa i Zanani
ntibazosohoka.
Beti-Ezeli bari mu kigandaro;
ntihakigukingira.
12Ababa i Maroti bari mu gatengo,
barindiriye ugutezurirwa,
kuko ikiza cavuye k’Uhoraho,
kigashika no kw’irembo ry’i Yerusalemu.
13Yemwe ababa i Lakishi,
nimubohere amafarasi anyaruka ku mikogote.
Ni mwebwe mwatumye,
umukobwa w’i Siyoni acumura
kuko ibigabitanyo vya Isirayeli vyabonetse muri wewe.
14Nuko rero muzosezera
Moresheti-Gati.
Igisagara c’i Akizibu kizoba ivyizigiro vy’uruhendo
ku bami ba Isirayeli.
15Nzozana uwuzobigarurira
yemwe ababa i Maresha.
Abanyacubahiro bo muri Isirayeli
bazohungira muri Adulamu.
16Nimwimoshe inkomvorera mugandare
kuko abana munezerererwa bafashwe;
imitwe yanyu imere nk’iy’ikinyamwanira,
kuko bazovanwa muri mwebwe bajanwe ari inyagano.
Currently Selected:
Mika 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.