YouVersion Logo
Search Icon

Yona 4

4
Yona ashavuzwa n’imbabazi z’Imana
1Ariko Yona we, kwigarura kw’Imana kwamuteye ishavu ryinshi. 2Ni ko gusenga Uhoraho avuga ati: “None ga Mana ibi si vyo nari navuze igihe nari nkiri mu gihugu c’iwacu? Ni na co cari catumye nihutira guhungira i Tarushishi. Kuko nari nsanzwe nzi ko wewe uri Imana igira ubuntu, ifise ikigongwe cinshi, itihutira gushavura, ifise urukundo rwinshi kandi yigarura ntirungike ivyago. 3None rero Uhoraho, nyica, kuko gupfa bindutiye kubaho.”
4 Uhoraho aramwishura ati: “Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura?”
5Nuko Yona ava mu gisagara aragenda yicara mu buseruko bwaco, yiyubakira akazu ko kwikingamwo izuba, yicara mu gitutu cako, maze arindira kuraba ibishikira igisagara. 6Nuko Imana imeza igiterwa c’amababi maninimanini, kirakura kija hejuru y’umutwe wa Yona kimuha agatutu. Ivyo bica bituma Yona yoroherwa maze aranezerwa cane kubera ico giterwa. 7Ariko bukeye Imana irongera ituma urunyo ruraza rurya ca giterwa gica kirakabirana. 8Izuba rimaze guseruka, Imana ituma umuyaga ushushe uvuye mu buseruko, iryo zuba na ryo rikubita Yona mu mutwe kugeza aho acika intege. Aca asubira kwisabira gupfa ati: “Gupfa vyondutira kubaho.”
9Imana yishura Yona iti: “Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura ku bw’iki giterwa?”
Na we arishura ati: “Birakwiye nyene! Ahubwo ndashavuye gushika n’aho numva nopfuma mpfa.”
10 Uhoraho aca avuga ati: “Ko ubabajwe n’igiterwa utakoreye canke ngo utume gikura, cakuze mw’ijoro rimwe bukeye kikuma, 11mbega jewe sinari nkwiye kugirira ikigongwe Ninewe, igisagara kinini kibamwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri badashobora gutandukanya iciza n’ikibi, hamwe n’ibitungano vyaho vyinshi?”

Currently Selected:

Yona 4: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in