Malaki Intangamarara
Intangamarara
Uwavugishwa n’Imana Malaki nta handi hantu na hamwe aboneka mu Vyanditswe Vyera. Izina ryiwe mu rurimi rw’Igiheburayo risobanurwa ngo “intumwa yanje”. Iryo jambo nyene ni na ryo rikoreshwa mu gice ca 3:1 mu kuvuga intumwa y’Uhoraho izoza kumutegurira inzira, kandi abaherezi n’abavugishwa na bo nyene bitwa «intumwa» z’Imana (2:7; Hagayi 1:13). Ni co gituma bamwe bavuga ko izina Malaki rishobora kuba ari izina ry’iritazirano, izina ryiwe nyakuri rikaba ritazwi.
Malaki yabaye umuvugizi w’Imana mu Bayuda, inyuma y’uko bavuye mu kinyago, bagasanura urusengero, bakongera bagasubira gukora ibikorwa vyo mu rusengero, baganzwa n’ubwami bw’Abaperesi (1:7; 1:8,12-14; 3:10). Zimwe mu ngorane zivugwa muri iki gitabu, zisa n’ingorane zari mu gihe ca Ezira na Nehemiya: kurongora abagore b’abanyamahangakazi no kudatanga ibigiracumi. Ezira na Nehemiya barafashe ingingo zo kuzitorera umuti (Ezira 10:3; Nehemiya 13:23-27; Nehemiya 13:1-3), ariko Malaki nta co abivugako. Yoba yavugishijwe gatoya imbere y’urugendo rwa Ezira, na we akaba yashitse i Yerusalemu mu mwaka wa 458 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo. Abandi biyumvira ko Malaki yakoze igikorwa ciwe igihe Nehemiya atari i Yerusalemu, mu myaka ya 433 na 432 (Nehemiya 5:14; 13:6) canke na ho mu gihe yamaze i Buyuda ubwa kabiri.
Bitumwe n’uko abantu babona ko amasezerano y’Imana yaratevye gushika, imitima yabo yaciye ija kure y’Uhoraho. Abayuda baca bashimishwa no kwibera mw’idini ry’akazuyazi ata co ribategeka na kimwe, ntibarondera kumenya Imana y’ukuri. Ivyo vyatumye banka kwumvira ibihambaye vyo mu Vyagezwe vya Mose (3:7-10), ivyo na vyo bikaba vyabategeka kwiyegurira Uhoraho, umuntu wese ku giti ciwe. Uwu muvugishwa ashira ahabona iyo nyifato mu bintu bitandatu yavugishijwe. Kimwe cose muri ivyo yavugishijwe gitangurwa n’ukuri kwerekeye Uhoraho, hanyuma bikabandanya nk’ikiyago gikomeye kigizwe n’ibibazo n’inyishu hagati y’umuvugishwa n’abantu.
Malaki yaravugishijwe ibijanye n’ukuza kw’intumwa y’Uhoraho (3:1), uwundi Eliya (4:5-6). Uwo yari agiye kuza imbere y’Umwami Yesu, ari we Ntumwa y’Isezerano bari bamaze igihe kirekire barindiriye (3:1). Ariko abantu bavuye mu kinyago, naho bari bafise ivyizigiro vyinshi, ivyo ntibari bavyiteguriye: uwo Eliya wundi yategerezwa kubanza kuza gutegura imitima kugira ngo ishobore kumwakira nk’Umwami (4:5-6). Yesu Kristo, Intumwa y’Isezerano Rishasha, yaremeje ko Yohana Umubatizi ari we Eliya wundi (Matayo 11:10; 17:10-13; Luka 1:17) yari yaravuzwe mu gitabu ca nyuma c’abavugishwa bo mw’Isezerano rya Kera, ari co c’iki ca Malaki.
Currently Selected:
Malaki Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.