Malaki 1
1
1Iri ni ijambo Uhoraho yarungikiye Abisirayeli, arivugishije Malaki.
Urukundo Imana ikunda Isirayeli
2“Narabakunze,” ni ko Uhoraho avuze.
“Ariko murabaza muti: ‘Wadukunze gute?’ ”
“Mbega Esawu ntiyavukana na Yakobo?” ni ko Uhoraho abaza. “Ariko nakunze Yakobo, 3Esawu we ndamwanka, imisozi yiwe ndayigira agahinga, itongo ryiwe ndariha imbwebwe zo mu bugaragwa.”
4Abanyedomu boshobora kuvuga bati: “Naho twahonejwe, tuzosubira twubake ku misaka.” Ariko uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Naho bokwubaka, nzosambura. Igihugu cabo kizokwitwa igihugu c’inkozi z’ibibi, ubwoko Uhoraho yama arakiye ibihe vyose.
5Muzobirabisha amaso yanyu, maze muvuge muti: ‘Uhoraho arahambaye, ububasha bwiwe burenga n’imbibe za Isirayeli.’
Ukuva mw’isezerano mu gutanga ibimazi bitabereye
6Umwana yubaha umuvyeyi, umukozi akubaha shebuja. Nimba ndi umuvyeyi, icubahiro canje kiri hehe? Nimba ndi shobuja, ukunyubaha kwanyu kuri he?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza. “Yemwe baherezi, ni mwebwe mutukisha izina ryanje. Ariko murabaza muti: ‘Twatukishije izina ryawe gute?’
7Mwaritukishije mu gushikana ku gicaniro canje ibimazi bihumanye. Ariko mukabaza muti: ‘Twahumanije dute ibimazi?’ Mwabihumanije mu kuvuga muti: ‘Igicaniro c’Uhoraho nta gaciro kigira.’
8Iyo mushikanye ibitungwa bihumye nk’ibimazi, mbega ntimuba mukoze nabi? Iyo mushikanye ibicumbagira n’ibigwaye, ntimuba mugize nabi? Mbega mwobishikanira umutware wanyu yobashimira? Mbega yobibakirira?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza.
9“Ehe nimwinginge Imana ibagirire ubuntu. Ariko mbega yobemera mushikanye ibimazi bimeze bityo?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza.
10“Vyoba vyiza hagize umwe wo muri mwebwe yugara imiryango y’Ingoro, kugira ngo ntihagire imicanwa icanirwa ubusa ku bicaniro vyanje, kuko sindabanezererewe. Sinzokwakira ibimazi vyanyu,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. 11“Izina ryanje rizoba rurangiranwa mu makungu, kuva mu buseruko kugeza mu burengero. Mu mihingo yose bazonshikanira ibimota neza, n’ishikanwa ryejejwe, kuko izina ryanje rizoba ryabaye rurangiranwa mu makungu,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
12“Ariko mwararihumanije aho mwavuga muti: ‘Imeza y’Umwami iranduye, n’ivyokurya vyayo biragayitse.’ 13Murongera muravuga muti: ‘Gukorera Imana ni umuruho!’ bituma mukura imitima yanyu ku mabwirizwa yanje,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Iyo mushikanye ibikoko bikomeretse, canke bicumbagira, canke bigwaye, mukabitanga nk’ibimazi, mbega novyakira mu maboko yanyu?” ni ko Uhoraho Mushoboravyose abaza.
14“Haravumwe umuntu afise impfizi y’intama itagira akanenge yo mu mukuku agasezerana kuyitanga, ariko akiba Uhoraho mu kumushikanira ikimazi kitabereye. Ndi Umwami ahambaye, kandi izina ryanje rikwiye kwubahwa mu mahanga yose!” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Currently Selected:
Malaki 1: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.