YouVersion Logo
Search Icon

Yona 3

3
Yona aja i Ninewe
1Hanyuma Uhoraho yongera kubwira Yona ubugira kabiri, ati: 2“Va hasi uje muri ca gisagara kinini Ninewe ukimenyeshe bwa butumwa nakubwira.”
3Yona aca yumvira ijambo ry’Imana aja i Ninewe. Ninewe cari igisagara kinini ku buryo vyafata imisi itatu kugira ngo umuntu ashobore kugicamwo cose. 4Nuko Yona amara umusi umwe agendagenda muri ico gisagara asemerera n’ijwi rirenga ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe hagahona.” 5Maze abantu b’i Ninewe bizera ubwo butumwa bw’Imana, baca bashinga ko haba ukwisonzesha kandi uhereye ku mukuru ugashika ku muntu mutoya, bambara amagunira.
6Ayo majambo ya Yona ashikiriye umwami w’i Ninewe na we aca arahaguruka ava ku ntebe y’ubwami, yambura impuzu z’ubwami, yambara igunira, yongera yicara mu mukungugu. 7Aca atanga itegeko i Ninewe rivuga riti:
“Itegeko ry’umwami n’abaganwa biwe:
Ntihagire abantu canke ibikoko, amasho n’imikuku bigira ico bikoza ku munwa, ntibigire ico birya canke binywa. 8Abantu nibambare amagunira mbere n’ibikoko babiyapfuke, hanyuma abantu batakambire Imana binginga, kandi umuntu wese ave mu nzira z’ibibi, bahagarike n’umuryano uri hagati yabo. 9Nta wubizi! Hari n’aho Imana yokwisubirako ikigarura, ikareka ugushangashirwa kwayo, maze ntiduhonye.”
10Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye bakava mu nzira zabo mbi, maze irigarura ntiyabahanisha igihano yari yabateguriye.

Currently Selected:

Yona 3: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in