YouVersion Logo
Search Icon

Hagayi Intangamarara

Intangamarara
Mu mwaka wa 539 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, nk’uko Yesaya na Yeremiya bari barabivugishijwe, ni ho ubwami bw’i Babiloni bwigarurirwa n’umwami w’Abamedi n’Abaperesi yitwa Kuro (Sirusi). Uwo ni we yatumye Abayuda bari barajanywe ari inyagano i Babiloni basubira mu gihugu cabo, basanura Ingoro y’Uhoraho. Aba mbere basubiye i Buyuda bari barongowe na Zerubabeli, uwahavuye aba umutware mukuru w’Ubuyuda atwarira ubwami bw’Abamedi n’Abaperesi, ari kumwe na Yosuwa, uwari umuherezi mukuru (Ezira 1–2). Mu mwaka wa 537, haheze amezi makeya basubiye i Yerusalemu, basanuye igicaniro c’Uhoraho kugira ngo bamushikanire ibimazi (Ezira 3:1-5), maze bongera batangura igikorwa co gusubira kwubaka Ingoro. Mu mwaka wa 536, ni ho bubaka umushinge (Ezira 3:6-13). Ariko amahanga yari abakikuje yarabaciye intege, ibikorwa birahagarara (Ezira 4:1-5; 4:24).
Mu mwaka wa 522, ni ho Dariyo wa Mbere yaba umwami w’Ubuperesi. Yahuye n’imigumuko myinshi, ariko mu mwaka wa 520 yarashoboye kuzana impore mu bwami bwiwe. Inyuma y’ico gihe c’imigumuko ni ho Hagayi na Zakariya mu nyuma batera intege Abayuda gusubira kwubaka Ingoro (Ezira 5:1-2; 6:14). Abantu baciye basubira kwubaka. Abatware b’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate babibonye baciye bahagarika umutima, barungikira ubutumwa Dariyusi. Ariko Abayuda bakomeje kwubaka bishimikije uruhusha rwatanzwe na Kuro (Sirusi) mu mwaka wa 538. Dariyusi na we nyene yaremeye kubaha uburenganzira bwo kubandanya bubaka Ingoro, bayuzuza mu mwaka wa 516 (Ezira 5; 6).
Ivyanditswe nta na kimwe bivuga kuri Hagayi ubwiwe nk’umuvugishwa. Ariko ibintu bine nyamukuru yavuze bifise igihe kinaka yabivugiyeko: ica mbere yabivuze mu kwezi kwa Myandagaro, ica kabiri muri Nyakanga, bibiri vya nyuma na vyo yabivuze muri Kigarama mu mwaka wa 520 (1:1; 2:1,10,20).
Ubuvugishwa bwa Hagayi buhagaze ahanini ku kuntu ari nkenerwa cane gusubira kwubaka Ingoro y’Uhoraho inyuma y’igihe c’imyaka cumi n’itanu yari iheze ibikorwa vyo kuyubaka bihagaritswe. Ubwa mbere abanza kwerekana ingene Abayuda bafashe minenerwe ibikorwa vy’Ingoro y’Imana, bakitaho ivyabo n’amazu yabo, Ingoro y’Imana yo ari umusaka. Iyo ni na yo mpamvu Imana yarungitse uruzuba mu gihugu (1:1-11). Ingingo yo gusubira kwubaka Ingoro, Imana yayishigikije gukuraho ubugaragwa hamwe no kubahezagira (2:10-19). Ariko iyerekwa rya Hagayi ntiryagarukira ku vy’igihe ciwe gusa. Yarabona n’igihe Uhoraho azosubirira kunyiganyiza ijuru n’isi (2:6; 2:21). Ico gihe, ubwami bwose bwo kw’isi buzotembagazwa (2:22), Ingoro y’Uhoraho izosubira igire ubwiza buruta kure ubw’imwe yubakwa na Salomo (2:8-9), kandi Mesiya, azokomoka mu muryango wa Dawidi, umuryango userukirwa na Zerubabeli muri ubu buvugishwa (1 Abami 3:18-21), uwo Hagayi avuga ko azohoraho (Hagayi 2:21-23), ni we azoca atanguza ubwami bw’amahoro (2:9,23). Uwandikiye Abaheburayo mw’Isezerano Rishasha asubiramwo ivyo Hagayi yavuze vyerekeye kuzonyiganyizwa kw’isi n’ijuru, na kwo kukazoba gutegura ukuza “kw’ubwami butazonyiganyizwa” buzohabwa abizeye Yesu Kristo (Abaheburayo 12:26-28).

Currently Selected:

Hagayi Intangamarara: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in