Itanguriro 27
27
1Igihe kimwe, Isaka ariko arasaza kandi ariko arahuma, ahamagara Esawu, umuhungu wiwe mukuru, aramubwira ati: “Mwana wanje!”
Na we ati: “Sabwe Data!”
2Arabandanya ati: “Ndashaje kandi sinzi umusi nzopfirako. 3Fata umuheto wawe n’imyampi uje mu gahinga, uzane inyama z’igikoko wishe, 4uzintegurire kumwe ndazikunda zimeze hanyuma uzinzanire ndazirye. Mpejeje ndaheza ndaguhe umuhezagiro wanje, imbere y’uko mpfa.”
5Igihe Isaka yavugana na Esawu, Rebeka yariko arumviriza. Esawu amaze kuja mu gahinga guhiga, 6Rebeka abwira Yakobo umuhungu wiwe ati: “Numvise so abwira mukuru wawe Esawu ati: 7‘Genda unzanire inyama z’igikoko wishe hanyuma uzintegurire neza. Mpejeje kuzirya, ndaheza nguhezagire imbere y’Uhoraho, imbere y’uko mpfa.’ 8Mwana wanje nyumviriza neza kandi ukore ico ngusaba: 9Genda mu bitungwa uzane imyagazi y’impene ibiri. Nanje nca ntegurira so inyama kumwe azikunda zimeze. 10Nawe uraca uzimushira azirye, hanyuma aguhezagire imbere y’uko apfa.”
11Ariko Yakobo abwira nyina Rebeka ati: “Urazi ko Esawu afise ubwoya bwinshi, ariko jewe umubiri wanje ntugira ubwoya. 12Data arashobora kunkorako akumva ko ndiko ndamubesha; ivyo birashobora gutuma amvuma mu kibanza co kumpezagira.”
13Nyina aramwishura ati: “Mwana wanje, uwo muvumo uramfata jewe! Wewe nyumvira gusa, ugende uzane iz’impene.”
14Nuko Yakobo aragenda azanira nyina za mpene. Rebeka ategura inyama neza mu buryo Isaka yakunda. 15Hanyuma afata impuzu nziza cane za Esawu zari mu nzu iwe, azambika Yakobo, umuhungu wiwe mutoya. 16Yambika Yakobo insato za ya myagazi y’impene ku maboko hamwe no mw’izosi ahatagira ubwoya. 17Nuko aha Yakobo, umuhungu wiwe, vya vyokurya biryoshe yategura hamwe n’umukate.
18Yakobo aja aho se ari aramuhamagara ati: “Data!”
Na we ati: “Sabwe! Uri nde ga mwana wanje?”
19Yakobo aramwishura ati: “Ndi Esawu, imfura yawe. Nakoze ivyo wansavye. Niwicare ufungure ku nyama nakuzaniye, hanyuma umpezagire.”
20Isaka abaza umuhungu wiwe ati: “Mwana wanje, wabigenjeje gute kugira ngo wice igikoko ningoga?”
Yakobo aramwishura ati: “Uhoraho Imana yawe ni we yagishize mu nzira ncamwo.”
21Isaka abwira Yakobo ati: “Egera hafi yanje, mwana wanje, kugira ngo ngukoreko numve vy’ukuri ko uri Esawu.”
22Nuko Yakobo yegera aho se Isaka ari. Amukozeko aravuga ati: “Ijwi ni irya Yakobo, ariko amaboko ni aya Esawu!” 23Ntiyashoboye kumumenya kuko amaboko yiwe yari afise ubwoya nk’aya mukuruwe Esawu. Imbere yo kumuhezagira 24aramubaza ati: “Vy’ukuri uri Esawu umwana wanje?”
Aramwishura ati: “Egome ni jewe.”
25Isaka aramubwira ati: “Mwana wanje, ngaburira kuri za nyama uvuye guhiga. Mpejeje kurya ndaheza ndaguhezagire.”
Nuko Yakobo arazimuzanira, arafungura. Yongera amuzanira n’umuvinyu aranywa. 26Hanyuma Isaka abwira Yakobo ati: “Nyegera mwana wanje ungumbire.”
27Nuko aramwegera aramugumbira. Isaka yumvise ukumota kw’impuzu ziwe, aca aramuhezagira avuga ati:
“Ewe kumota kw’umwana wanje
kumeze nk’ukumota kw’imirima
Uhoraho yahezagiye.
28Imana iguhe ku kime co mw’ijuru
no ku butunzi bwo mw’isi,
umusesekara w’ingano n’umuvinyu!
29Amahanga aze agukorere
n’amoko aze yuname imbere yawe.
Uze uganze abavukanyi bawe,
abana ba nyoko baze buname imbere yawe.
Abazokuvuma baze bavumwe,
kandi abazoguhezagira baze bahezagirwe.”
30Isaka arangije kumuhezagira, Yakobo arasohoka. Muri ako kanya nyene, mukuruwe Esawu aca arashika avuye guhiga. 31Na we ategura ivyokurya biryoshe abizanira se. Aramubwira ati: “Data, niwicare urye ku nyama mvuye guhiga, hanyuma umpezagire.”
32Isaka aramubaza ati: “Uri nde?”
Esawu aramwishura ati: “Ni jewe umwana wawe w’imfura Esawu.”
33Isaka arajugumira cane, maze aramubaza ati: “None ni nde yagiye guhiga hanyuma akanzanira inyama? Nafunguye kandi namaze kumuhezagira, kandi umuhezagiro namuhaye uzomufata.”
34Esawu yumvise amajambo ya se, araboroga n’umubabaro mwinshi, abwira se ati: “Mpezagira nanje, data!”
35Isaka aramwishura ati: “Murumunawe yaje arambesha. Yamaze gutwara umuhezagiro wawe.”
36Esawu aravuga ati: “Ubu bugize kabiri anyiba. Ntibitanganje izina ryiwe ni Yakobo nyene, umubeshi. Yanyivye kuba samuragwa kwanje, none raba ubu na ho anyivye n’umuhezagiro wanje. Ariko nta muhezagiro n’umwe wansigarije?”
37Isaka yishura Esawu ati: “Namaze kumugira mukuru kuri wewe kandi abavukanyi biwe bazoba abakozi biwe. Namuhaye ingano n’umuvinyu musha. None ga mwana wanje wumva hari igisigaye noguha?”
38Esawu abaza se ati: “None ga data ufise umuhezagiro umwe gusa? Mpezagira nanje, data!” Nuko Esawu araturika ararira.
39Se Isaka aramubwira ati:
“Uzoba
kure y’ubutunzi bwo mw’isi,
kure y’ikime co mw’ijuru.
40Uzobeshwaho n’inkota
kandi uzokorera murumunawe.
Ariko niwiganzura,
uzokwikurako agacinyizo kiwe
kw’izosi ryawe.”
41Nuko Esawu agirira inzigo Yakobo kubera ko se yamuhezagiye. Aravuga ati: “Imisi yo kugandarira data iregereje. Hanyuma nzoca nica murumunanje Yakobo.”
42Rebeka yumvise ivyo Esawu umuhungu wiwe mukuru yavuze, atumako Yakobo umuhungu wiwe muto, aramubwira ati: “Mukuru wawe ashaka kukwica kugira ngo akwihore. 43None rero mwana wanje, nyumvira ugende uhungire kwa musazanje Labani i Harani. 44Uze ugumane na we kugeza ishavu rya mukuru wawe riheze. 45Ishavu niryahera akibagira ivyo wamukoreye, nzoheza ndagutumeko ugaruke. Nta cotuma ndababura uko muri babiri umusi umwe.”
46Rebeka abwira Isaka ati: “Ubuzima bwanje bubaye bubi cane kubera aba bagore b’Abahetikazi. Yakobo niyarongora umwe mu bakobwa bo muri iki gihugu, b’Abahetikazi nk’aba, nta co nzoba nkibereyeho.”
Currently Selected:
Itanguriro 27: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.