Itanguriro 26
26
Isaka na Abimeleki
1Inyuma y’aho hatera inzara mu gihugu, nk’uko vyari vyarabaye mu gihe ca Aburahamu. Isaka aca aja kuba i Gerari, mu gihugu ca Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya. 2Uhoraho yiyereka Isaka amubwira ati: “Ntuje muri Egiputa, ahubwo uze ube mu gihugu nzokwereka. 3Guma muri iki gihugu, nzobana nawe ndaguhezagire. Wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha iki gihugu, kandi nzoshitsa indahiro narahiye so Aburahamu. 4Uruvyaro rwawe nzorugwiza rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzobaha iki gihugu cose kibe icabo. Mbere amahanga yose yo mw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe. 5Ibi nzobikora kuko Aburahamu yanyumviye akitondera ivyo namwihanikirije, amabwirizwa yanje, ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.” 6Nuko Isaka agerera i Gerari.
7Ababa muri ico gihugu babajije Isaka ku bijanye n’umugore wiwe Rebeka, ababwira ati: “Ni mushikanje”; kuko yaratinya kuvuga ko ari umugore wiwe, yibwira ati: “Bazonyica banziza Rebeka, kuko ari mwiza cane.”
8Ariko haheze igihe Isaka aba aho hantu, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arabira mw’idirisha maze abona Isaka ariko arakuyakuya Rebeka umugore wiwe. 9Abimeleki ahamagara Isaka aramubwira ati: “Ni ivy’ukuri Rebeka ni umugore wawe! Ni kuki wavuze ko ari mushikawe?”
Isaka aramwishura ati: “Nabivuze kuko natinya gupfa ndamuzira.”
10Abimeleki aramubaza ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki? Hari hasigaye gato ngo umwe mu bantu banje asambane na we, kandi ivyo vyotumye duharurwako icaha.”
11Nuko Abimeleki agabisha abantu bose, arababwira ati: “Umuntu azogira ikibi akorera uwu mugabo canke umugore wiwe, azokwicwa!”
12Nuko Isaka atera imbuto mu mirima yo muri ico gihugu, maze uwo mwaka, yimbura incuro ijana ivyo yari yateye, kuko Uhoraho amuhezagiye. 13Ivyiwe bibandanya vyongerekana, aba umutunzi akomeye. 14Yari afise imikuku myinshi y’intama n’impene, amasho menshi y’inka n’abakozi benshi ku buryo Abafilisitiya bamugirira ishari. 15Nuko Abafilisitiya buzuza ibivu amariba y’amazi ya Yakobo yose. Ayo yari amariba yari yimbwe n’abakozi ba se Aburahamu.
16Abimeleki abwira Isaka ati: “Va mu gihugu cacu, kuko wabaye uwukomeye kuturuta.”
17Nuko Isaka arimuka, ashinga amahema mu kiyaya ca Gerari aba ari ho aba. 18Asubira gusibura amariba yari yarimbwe mu gihe ca se Aburahamu, ayo Abafilisitiya bari barasibije se amaze gupfa, yongera ayita amazina se yari yarayise.
19Umusi umwe abakozi ba Isaka bariko barimba iriba mu kiyaya, baseruka kw’isoko ry’amazi meza cane. 20Ariko abungere b’i Gerari baraza baharira n’abungere ba Isaka bavuga bati: “Aya mazi ni ayacu.” Iryo riba Isaka aryita Eseke, bisigura “imitongano”, kuko abo bungere batonganye na we. 21Abakozi ba Isaka bongera bimba irindi riba, ariko na ryo nyene rituma haba imitongano. Iryo riba na ryo Isaka aryita Sitina, bisigura “urwanko”. 22Aho na ho arahava aja kwimba irindi riba. Maze iryo ntiryatera amatati, aca aryita Rehoboti, bisigura “ikibanza c’umwidegemvyo”. Aravuga ati: “Ubu rero Uhoraho aduhaye kwagukirwa, kandi tugiye gutungira muri iki gihugu.”
23Hanyuma Isaka ava aho hantu aja i Berisheba. 24Uhoraho amwiyereka mw’ijoro yashikiyemwo aho hantu, aramubwira ati: “Ndi Imana ya so Aburahamu, ntutinye kuko ndi kumwe nawe kandi nzoguhezagira, ngwize uruvyaro rwawe kubera urukundo nakunze Aburahamu umusavyi wanje.”
25Maze Isaka yubaka aho hantu igicaniro ahasengera Uhoraho. Yongera ahubaka amahema, maze abakozi biwe bahimba iriba.
26Umusi umwe, Abimeleki ava i Gerari aja kuraba Isaka, ari kumwe n’umuhanuzi wiwe Ahuzati na Pikoli, umukuru w’abasoda biwe. 27Isaka arababaza ati: “Ni kuki mwaje kundaba kandi munyanka, mukaba mwarananyirukanye mu gihugu canyu?”
28Baramwishura bati: “Twarabonye neza ko Uhoraho ari kumwe nawe. Ni co gituma twiyumviriye ko dukwiye kugiriranira amasezerano nawe yubakiye ku ndahiro hagati ya twe nawe. 29Uturahire ko utazokwigera utugirira nabi, nk’uko natwe tutigeze tugukorera ikibi. Twagukoreye ivyiza, maze tukurungika amahoro. None biraboneka ko Uhoraho yaguhezagiye.”
30Nuko Isaka abategurira umusi mukuru, bararya baranywa. 31Mu gitondo kare, abo bagabo baca bahana indahiro. Nuko Isaka arabasezera, bagenda amahoro.
32Uwo musi abakozi ba Isaka baza bamuzaniye inkuru z’iriba bari bimvye, baramubwira bati: “Twaronse amazi!” 33Iryo riba Isaka aryita Shiba, bisigura “indahiro”. Ni co gituma gushika n’uno musi igisagara cubatswe aho hantu citwa Berisheba, bisigura “iriba ry’indahiro”.
Ukurongora kwa Esawu
34Esawu amaze imyaka mirongo ine, arongora abagore b’Abahetikazi babiri: Yudita umukobwa wa Beyeri na Basemati, umukobwa wa Eloni. 35Ariko abo bagore bateye ingorane nyinshi Isaka na Rebeka.
Currently Selected:
Itanguriro 26: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.