Ariko Imana yumva ijwi rya wa mwana arira, hanyuma umumarayika w’Imana ahamagara Hagari ari mw’ijuru ati: “Ubaye iki ga Hagari? Ntutinye! Imana yumvise ijwi ry’urya mwana aririra aho ari. Subira aho ari umuhagurutse, hanyuma umufate ukuboko, kuko uruvyaro rwiwe nzorugira ihanga rikomeye.”