YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 8

8
Amosi yerekwa igiseke c’ivyamwa vyeze
1Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: nabonye igiseke c’ivyamwa vyeze. 2Arambaza ati: “Ubona iki, ga Amosi?”
Ndishura nti: “Igiseke c’ivyamwa vyeze.”
Maze Uhoraho ambwira ati: “Igihe kirageze, c’uko abantu banje b’Abisirayeli basoromwa, sinzosubira kubaziguriza.
3Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, “indirimbo zo mu rusengero zizohinduka amaborogo. Imivyimba myinshi, myinshi cane, izotabwa ahantu hose! Nimucereze!”
4Nimwumve ibi, mwebwe munyaga aboro
mugasiribanga abakene,
5mukavuga muti:
“Mbega imboneko z’ukwezi zizogera ryari
kugira ngo dusubire kwidandariza ingano;
Isabato izohera ryari
ngo dusubire kwigurishiriza ingano?”
Aho rero mukoresha ingero z’ibinyoma,
mukaduza ibiciro uko mwishakiye
kandi mukiba mukoresheje iminzane y’ibinyoma.
6Mugura umukene ifeza,
n’umworo mukamugura umwambaro umwe w’ibirato,
mukagurisha n’ingano mwavanze n’ibikumbi.
7 Uhoraho ararahiye, uwo Yakobo yishimira ati: “Sinzokwigera nibagira na kimwe mu vyo bakoze.
8Mbega igihugu ntikizohinda agashitsi kubera ivyo,
ababa muri co na bo ntibazogandara?
Igihugu cose kizohaguruka nk’uruzi Nili;
kizoduga hejuru maze gihwame
nka rwa ruzi rwa Egiputa.
9Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,
“Nzotuma izuba rirenga ku murango,
bwire kw’isi mu gihe c’amashoka.
10Nzohindura imisi mikuru yanyu ibe ibihe vyo kugandara
n’imvyino zanyu zose ndazihindure amarira.
Nzotuma mwese mwambara amagunira
mwimoshe inkomvorera.
Ico gihe nzokigira ico kuboroga nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege
kandi umusi wo kuganduka uzoba uw’umururazi.
11Imisi iraje,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,
“aho nzorungika inzara mu gihugu;
ntizoba ari inzara y’ivyokurya canke inyota y’amazi,
ariko izoba ari inzara yo kwumva amajambo y’Uhoraho.
12Abantu bazokubita ku kiyaga baje ku kindi,
bave mu buraruko baje mu buseruko,
barondera ijambo ry’Uhoraho,
ariko ntibazoribona.
13Kuri uwo musi,
inkumi nzizanziza n’abasore bezabeza
bazorabikwa n’inyota.
14Abirahira ibigirwamana biteye isoni vy’i Samariya,
abavuga bati: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana yawe, Dani,’
canke ngo: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana y’i Berisheba,’
abo bose bazotemba, kandi ntibazokwongera kuvyuka.”

Currently Selected:

Amosi 8: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in