Amosi 7
7
Inzige, umuriro n’umugozi karisho
1Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: yariko arategura kurungika igitero c’inzige mu gihugu. Ivyo vyabaye, inyuma y’uko umwami amaze kuronka umugabane wiwe w’umwimbu, imirima yo hanyuma iriko iratangura kwera. 2Izo nzige zimaze kurya igiterwa cose gitotahaye, ndasemerera nti: “Uhoraho Nyeninganji, girira imbabazi abantu bawe! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!”
3Maze Uhoraho arigarura.
Uhoraho aravuga ati: “Ivyo, ntibizoshika.”
4Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: Uhoraho Nyeninganji yagomba gukoresha umuriro kugira ngo ahane abantu biwe. Umuriro wakamije amazi y’i kuzimu, uturira n’igihugu cose. 5Maze ndasemerera nti: “Yewe Uhoraho Nyeninganji, ndakwinginze, geza aho! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!”
6Maze Uhoraho arigarura.
Uhoraho Nyeninganji aravuga ati: “N’ibi na vyo ntibizoshika.”
7Ibi ni vyo yanyeretse: Imana yari ihagaze i ruhande y’uruhome rwubatswe hakoreshejwe igipimo karisho, cerekena ukugororoka kw’uruhome, kandi na yo yari ifise uwo mugozi n’ico gipimo mu kuboko kwayo. 8Maze Imana irambaza iti: “Ubona iki ga Amosi?”
Ndishura nti: “Mbona umugozi uriko karisho.”
Maze Uhoraho aravuga ati: Raba, ndiko ndapimisha karisho abantu banje b’Abisirayeli; sinzosubira kubaziguriza na mba.
9“Ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi vya Isaka bizosamburwa
kandi n’ibigabiro vya Isirayeli bizohinduka umusaka;
nzoramvura inkota yanje ngwanye abo mu nda y’ingoma ya Yerobowamu.”
Amosi na Amaziya
10Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli arungikira ubutumwa Yerobowamu umwami w’Abisirayeli ati: “Amosi ariko ategura abantu bo kukugwanya, kandi bari aha hagati mu Bisirayeli. Igihugu ntigishobora kubandanya cihanganira amajambo yiwe. 11Kuko uku ari ko Amosi avuga, ngo:
‘Yerobowamu azokwicwa n’inkota,
kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano,
kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ ”
12Nuko Amaziya abwira Amosi ati: “Sohoka, yewe kamenyi! Subira mu gihugu c’i Buyuda. Wironkereyo ibigutunga kandi uvugishirizweyo. 13Ntusubire kuvugishirizwa i Beteli, kuko aha ni urusengero rw’umwami n’ingoro y’ubwami.”
14Amosi yishura Amaziya ati: “Sinigeze mba umuvugishwa canke ngo mbe n’umwana w’umuvugishwa, ahubwo nari umwungere kandi narima imisukomora. 15Ariko Uhoraho yankuye inyuma y’imikuku arambwira ati: ‘Genda, uvugishwe ku bantu banje b’Abisirayeli.’ 16Nuko rero, niwumve ijambo ry’Uhoraho. Uvuze uti:
‘Ntuvugishwe ku Bisirayeli,
kandi uhagarike kuburira bene Isaka.’
17Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho avuze:
‘Umugore wawe azoba maraya mu gisagara,
kandi abahungu bawe n’abakobwa bawe bazokwicwa n’inkota.
Igihugu cawe kizogabuzwa umugozi kigaburwemwo ibice,
kandi wewe ubwawe uzopfira mu gihugu c’abanyamahanga.
Kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano,
kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ ”
Currently Selected:
Amosi 7: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.