Amosi 4
4
Abisirayeli ntibagarutse ku Mana
1Nimwumve iri jambo, yemwe mwa nka z’i Bashani ku Musozi Samariya,
yemwe bagore muhahaza aboro mu gahonyora ku gakanu umukene,
maze mukabwira abagabo banyu muti:
“Nimutuzanire ivyo kunywa bindi!”
2 Uhoraho Nyeninganji arahiye ukwera kwiwe ati:
“Ni ukuri umusi uzoshika
aho muzojanwa mukwegeshwa igera,
gushika ku wa nyuma muzokwegeshwa amagera nk’ifi.
3Umwe wese azosohokanwa
bamucishije mu gitoboro baciye mu gihome,
maze muzojugunywa mu gihugu c’i Harumoni,”
ni ko Uhoraho avuze.
4“Nimuje i Beteli mukore ivyaha;
hanyuma muje i Gilugali murushirize.
Muzane ibimazi vyanyu uko bukeye,
n’ibigiracumi vyanyu uko imyaka itatu iheze.
5Nimwotse imikate irimwo umwambiro ibe ishikanwa ryo gushima
muvuze inzamba mumenyesha ibimazi mutanze mwishakiye,
muvyirate, yemwe Bisirayeli,
kuko ari vyo mukunda gukora,”
ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.
6“Abo mu bisagara bimwe nabateje inzara
abo mu bindi bose ndabima indya,
ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,”
ni ko Uhoraho avuze.
7“Nabimye n’imvura
hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere.
Narungitse imvura ku gisagara kimwe,
ariko ikindi ndakiyima.
Umurima umwe waronse imvura;
uwundi ntiwaronka na mba uragaduka.
8Abantu bayerera bava mu gisagara baja mu kindi barondera amazi
ariko ntibaronka ayabamara inyota,
ariko naho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,”
ni ko Uhoraho avuze.
9“Ni kenshi nakubise imirima y’ingano zanyu n’imizabibu yanyu,
ndabiteza kubora no kwuma.
Inzige zarishije imisukoni yanyu n’imyelayo yanyu,
ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,”
ni ko Uhoraho avuze.
10“Narungitse ibiza muri mwebwe
nk’uko nabigiriye Egiputa.
Nicishije inkota abahungu banyu,
n’amafarasi yanyu aranyagwa.
Nujuje mu mazuru yanyu umunuko uva mu bapfiriye mu nsago zanyu,
ariko naho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,”
ni ko Uhoraho avuze.
11“Natembagaje bamwe bo muri mwebwe
nk’uko natembagaje Sodomu na Gomora.
Abo muri mwebwe barokotse,
kwari kurya kw’urukwi rwokowe mu muriro,
ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,”
ni ko Uhoraho avuze.
12“None rero uku ni ko ngiye kukugirira, yewe Isirayeli,
kandi kubera nzokugirira gutyo, ga Isirayeli,
niwitegure guhura n’Imana yawe.”
13Uwabumvye imisozi,
uwaremye umuyaga,
agahishurira ivyo yiyumvira abana b’abantu,
uwuhindura umutwenzi ukaba umwijima,
akagendera ku dutwe tw’isi,
Uhoraho Imana Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.
Currently Selected:
Amosi 4: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.