Amosi 3
3
Ivyabona vyo kwagiriza Isirayeli
1Nimwumve iri jambo, yemwe Bisirayeli, ijambo Uhoraho yavuze abagiriza, yagiriza umuryango wose yaduganye akuye muri Egiputa. Yavuze ati:
2“Ni mwebwe mwenyene natoranije
mu miryango yose yo mw’isi;
ni co gituma nzobahanira
ivyaha vyanyu vyose.
3Mbega babiri bojana
batabanje kubisezerana?
4Mbega intambwe yokwivugira mw’ishamba
ata co yishe?
Mbega yokwivugira mu kibundo cayo
ata co yafashe?
5Mbega inyoni yofatwa mu mutego ugaragara
ata co kurya kirimwo ngo kiyikwege?
Mbega umutego woshibuka
ata co wafashe?
6Iyo inzamba ivuze mu gisagara,
mbega abantu ntibahinda agashitsi?
Mbega icago coza ku gisagara,
atari Uhoraho akirungitse?
7Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akora
atabanje kugihishurira
abasavyi biwe b’abavugishwa.
8Intambwe yivuze
ni nde atotinya?
Uhoraho Nyeninganji avuze,
ni nde yokwanka kumenyesha ivyo avuze?
9Nimumenyeshe abari mu bihome bikomeye vy’i Ashidodi
n’abo mu ngoro zikomeye zo muri Egiputa muti:
‘Nimukoranire ku misozi y’i Samariya;
mwirabire umuryano waho,
n’agacinyizo kari mu bantu baho.’
10Ntibazi gukora ivyiza,” ni ko Uhoraho avuze,
“bujuje mu mazu yabo akomeye
ivyo banyaze, n’ivyo bakuye mu bwicanyi.”
11Nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
“Umwansi azokwifatira igihugu canyu,
asenyurire hasi iminara yawe
anyage ibiri mu ngoro zawe vyose.”
12Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Nk’uko umwungere agerageza kurokora intama mu kanwa k’intambwe
akayaka amagufa y’amaguru gusa canke agace k’ugutwi,
ni ko Abisirayeli baba i Samariya bazorokoka,
bazokiza umutwe w’uburiri gusa
n’igice c’impuzu bisasiye.
13Nimwumve ibi kandi mubimenyeshe aba Yakobo,” ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose, avuze.
14“Ku musi nzohanirako Abisirayeli kubera ivyaha vyabo,
nzosambura ibicaniro vy’i Beteli;
amahembe y’igicaniro azocibwa
akorokere hasi.
15Nzosenyurira hasi inzu yo mu gihe c’imbeho nyinshi
hamwe n’inzu yo mu gihe c’ubushuhe;
amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azosamburwa
n’inyubakwa zagutse zizosamburirwa hasi,”
ni ko Uhoraho avuze.
Currently Selected:
Amosi 3: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.