Amosi 2
2
1Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Mowabu,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Ko batongoje umuriro bagahindura umunyota
amagufa y’umwami w’i Edomu,
2nzorungika umuriro kuri Mowabu
uzotongora impome zikomeye z’i Keriyoti.
Abanyamowabu bazohindikirana bicwe n’igihumura,
kubera urwamo rw’intambara no kuvuza inzamba.
3Nzorandura umwami waho,
kandi nzomwicana n’abaganwa baho,”
ni ko Uhoraho avuze.
4Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Yuda,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Kuko bateye ibitugu ivyagezwe vy’Uhoraho
ntibitondera ivyo yihanikirije,
bazimizwa n’imana z’ibinyoma,
izo ba sekuruza bakurikiye.
5Ni co gituma nzorungika umuriro kuri Yuda
uzotongora impome zikomeye z’i Yerusalemu.”
Urubanza ruzocirwa Isirayeli
6Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Isirayeli,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Bagurisha uwutagira icaha ku giciro c’ifeza,
n’umukene bakamugurisha umwambaro umwe w’ibirato.
7Basiribanga umutwe w’umukene
nk’uko basiribanga umukungugu
bakarenganya urubanza rw’impahazwa.
Umuhungu na se basangira umugore mu busambanyi bwabo
bagatukisha izina ryanje ryera.
8Baryama i ruhande y’igicaniro cose,
bakisasira impuzu batse abakene kw’ingwati.
Kandi mu nzu y’imana zabo,
banywa umuvinyu batse abo baciriye imanza.
9Ariko naranduye Abamori mu maso yabo,
naho mu burebure bwabo bari bameze nk’ibiti vy’amasederi
mu gukomera na ho bari bameze nk’ibiti vy’inganzamarumpu.
Nahoneje ivyamwa vyari hejuru ku mashami
ndandura n’imizi yabo mu kuzimu!
10Nabaduganye ndabakura muri Egiputa
ndabarongora imyaka mirongo ine mu bugaragwa
ngo ndabahe igihugu c’Abamori.
11Kandi nahagurukije abavugishwa nanje bo mu bana banyu
n’Abanaziri mu misore yanyu.
Mbega ivyo si ivy’ukuri, ga yemwe bantu ba Isirayeli?”
ni ko Uhoraho avuze.
12“Ariko mwahatiye Abanaziri kunywa umuvinyu,
mutegeka abavugishwa nanje kudakura ururimi mu kanwa.
13None rero ngiye kubasiribanga
nk’uko umukogote usiribanga isi iyo wiremetse ingano.
14Uwuzi kwiruka cane ntibizomukiza,
n’umunyenkomezi ntazokwikiza kubera inkomezi ziwe,
kandi n’umuhizi mu ntambara ntazokwikiza.
15Uwurasisha umuheto ntazoshobora guhagarara,
uwunyaruka mu kwiruka ntazoshobora kwiruka ngo anyage amagara yiwe,
kandi n’uwugendera kw’ifarasi ntazokwikiza.
16Mbere, n’umuhizi mu ntambara,
kuri uwo musi azohunga ata co yambaye,”
ni ko Uhoraho avuze.
Currently Selected:
Amosi 2: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.