YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 7

7
Sitefano yiregura imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda
1Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”
2Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani. 3Yamubwiye iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu bwoko bwawe, uje mu gihugu nzokwereka.’#7:3 Itanguriro 12:1
4Nuko Aburahamu ava mu gihugu c’Abakarudaya, aja kuba i Harani. Se wiwe amaze gupfa, Imana imurungika muri iki gihugu mubamwo. 5Nta mugabane yamuhaye muri ico gihugu, nta n’aho guhonyoza ikirenge, ariko Imana yamusezeraniye ko we n’uruvyaro rwiwe bazokwegukira iki gihugu, n’aho ico gihe Aburahamu atari bwaronke umwana. 6Imana yamubwiye iti: ‘Uruvyaro rwawe ruzoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo, kandi bazogirwa abagurano, bacinyizwe imyaka amajana ane.’ 7Imana yongera ivuga iti: ‘Ariko nzohana ihanga bazokorera nk’abagurano, kandi mu nyuma bazorivamwo, baze kunsengera muri iki kibanza.’#7:7 Itanguriro 15:13,14 8Nuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.
9Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we, 10maze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.
11Igihe kimwe inzara itera muri Egiputa yose n’i Kanani, abantu babona amakuba, ba sogokuruza babura ivyokurya. 12Yakobo yumvise ko muri Egiputa hariyo ingano, arungikayo ba sogokuruza incuro ya mbere. 13Basubiyeyo ubwa kabiri, Yosefu yihishurira benewabo, Farawo na we abona kumenya umuryango wa Yosefu. 14Maze Yosefu aca atumako se Yakobo n’umuryango wiwe wose. Bose hamwe bari mirongo irindwi na batanu. 15Nuko Yakobo amanuka muri Egiputa. Mu nyuma arapfa, co kimwe na ba sogokuruza. 16Ibisigarira vyabo vyatahukanwe i Shekemu, bishingurwa mu mva Aburahamu yari yaguriye abahungu ba Hamori i Shekemu.
17Igihe c’uko Imana ishitsa amasezerano yahaye Aburahamu cegereje, igitigiri c’ubwoko bwacu cari kimaze kugwira, kirongerekana cane muri Egiputa. 18#7:18 Kuvayo 1:8Mu nyuma muri Egiputa himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu. 19Atwaza umukazo ubwoko bwacu, ategeka ba sogokuruza guta abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.
20Ico gihe ni ho Mose yavuka, avuka ari umwana adasanzwe imbere y’Imana. Nuko arererwa mu muryango wiwe gushika ashikanye amezi atatu. 21Amaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurera nk’umwana wiwe bwite. 22Nuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.
23Mose amaze imyaka mirongo ine, yumva mu mutima yotemberera benewabo b’Abisirayeli. 24Maze asanga Umunyegiputa ariko akubita Umwisirayeli, aca aramutabara, maze amuhora mu kwica uwo Munyegiputa. 25Mose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana yariko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahura. 26Bukeye Mose asanga aho Abisirayeli babiri bariko baragwana, agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’
27Uwariko agirira nabi mugenziwe aca asunura Mose, amubaza ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? 28Ugomba kunyica nk’uko ejo wishe wa Munyegiputa?’#7:28 Kuvayo 2:14 29Mose avyumvise, aca ahungira mu ntara ya Midiyani, abayo nk’umunyamahanga, avyarirayo abahungu babiri.
30Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu mbeya z’igisaka cariko kirasha mu bugaragwa hafi y’umusozi Sinayi. 31Maze Mose atangajwe n’ivyo abonye, yegera igisaka ngo arabe neza ivyo ari vyo, ni ko kwumva ijwi ry’Umwami Imana rivuga riti: 32‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’#7:32 Kuvayo 3:6 Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.
33Umwami Imana aramubwira ati: ‘Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera. 34Nabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Egera hano, kuko ngomba kugutuma muri Egiputa.’#7:34 Kuvayo 3:5,7,8,10
35Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro. 36Yabakuje muri Egiputa utwumiza n’ibitangaza yakoreye muri ico gihugu, ku kiyaga gitukura, no mu myaka mirongo ine bamaze mu bugaragwa.
37Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’#7:37 Gusubiramwo 18:15 38Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.
39Ariko ba Sokuruza bacu baranse kumwumvira, baramwikunkumura, imitima yabo yipfuza kwisubirira muri Egiputa. 40Nuko babwira Aroni bati: ‘Ducurire imana zizotuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye Mose, uwadukuye mu gihugu ca Egiputa.’#7:40 Kuvayo 32:1 41Ico gihe ni ho bakora ikigirwamana mw’ishusho y’inyana y’inka. Bagishikanira ibimazi bongera bagira umusi mukuru wo kwigina ico kintu bari bakoresheje amaboko yabo. 42Maze Imana yirabira hirya, irabareka ngo basenge ibiba ku kirere, baba bashikije ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa, bivuga ngo:
‘Mbega hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye
mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa,
Yemwe Bisirayeli?
43Mwashize hejuru ihema rya Moleki#7:43 Moleki cari ikigirwamana c’Abanyakanani.,
n’ikimenyetso c’inyenyeri c’imana yanyu Refani#7:43 Refani na co cari ikigirwamana citiriwe isi bita Saturune.,
ibishushanyo mwacuze ngo mubisenge.
Nuko rero nzobirukana muhungire hakurya ya Babiloni.’#7:43 Amosi 5:25-27
44Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, nk’uko ikigereranyo yari yeretswe cari kiri. 45Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje bazanye iryo sandugu mu gihugu Imana yari ihejeje kwirukanamwo amahanga imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika ku gihe c’umwami Dawidi. 46Dawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo. 47Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.
48Ariko Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana avuga ati:
49‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,
isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.’
Ni ko Uhoraho avuze.
‘Mbega mwonyubakira inzu nyabaki?
Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
50Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’#7:50 Yesaya 66:1,2
51Mwa ntagondwa mwe, imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera. 52Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica, 53kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe vy’Imana mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”
Sitefano aterwa amabuye
54Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya. 55Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana. 56Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”
57Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe, 58bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.
59Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.” 60Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.

Currently Selected:

Ivyakozwe 7: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy