Ivyakozwe 7
7
Setefano yiregura imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda
1Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”
2Na we amwishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire. Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani. 3Yamubwiye iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu bwoko bwawe, uje mu gihugu nzokwereka.’#7:3 Itanguriro 12:1
4Nuko Aburahamu ava mu gihugu c’Abakarudaya, aja kuba i Harani. Se wiwe amaze gupfa, Imana imurungika muri iki gihugu mubamwo. 5Nta mugabane yamuhaye muri ico gihugu, nta n’aho guhonyoza ikirenge, ariko Imana yamusezeraniye ko we n’uruvyaro rwiwe bazokwegukira iki gihugu, n’aho ico gihe Aburahamu atari bwaronke umwana. 6Imana yamubwiye iti: ‘Uruvyaro rwawe ruzoba mu gihugu kitari icabo, bitwe abanyamahanga kandi bazogirwa abaja, bacinyizwe imyaka amajana ane.’ 7Imana irongera kandi ivuga iti: ‘Ariko nzohana ihanga rizobagira abagurano, kandi mu nyuma bazorivamwo, baze kunsengera muri iki gihugu.’#7:7 Itanguriro 15:13,14 8Nuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.
9Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, baramugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we, 10maze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.
11Igihe kimwe inzara itera mu gihugu cose ca Egiputa n’i Kanani, abantu babona amakuba, ba sogokuruza babura ivyokurya. 12Yakobo yumvise ko muri Egiputa hariyo ingano, arungikayo ba sogokuruza incuro ya mbere. 13Basubiyeyo ubwa kabiri, Yosefu yihishurira benewabo, Farawo na we abona kumenya umuryango wa Yosefu. 14Maze Yosefu aca atumako se Yakobo n’umuryango wiwe wose. Bose hamwe bari mirongo indwi na batanu. 15Nuko Yakobo amanuka muri Egiputa. Mu nyuma arapfa, co kimwe na ba sogokuruza. 16Ibisigarira vyabo vyatahukanywe i Shekemu, bishingurwa mu mva ziri ahantu Aburahamu yari yaguriye abahungu ba Hamori i Shekemu.
17Igihe c’uko Imana ishitsa amasezerano yahaye Aburahamu cegereje, igitigiri c’ubwoko bwacu cari kimaze kugwira, kirongerekana cane muri Egiputa. 18#7:18 Kuvayo 1:8Mu nyuma muri Egiputa himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu. 19Akorera ikibi ubwoko bwacu, ategeka ba sogokuruza guta abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.
20Ico gihe ni ho Mose yavuka, avuka ari umwana adasanzwe imbere y’Imana. Nuko arererwa mu muryango wiwe gushika ashikanye amezi atatu. 21Amaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurera nk’umwana wiwe bwite. 22Nuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.
23Mose amaze imyaka mirongo ine, yumva mu mutima yotemberera benewabo b’Abisirayeli. 24Maze asanga Umunyegiputa ariko akubita Umwisirayeli, aca aramutabara, ndetse yica uwo Munyegiputa. 25Mose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana iriko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahuye gutyo. 26Bukeye Mose aragenda asanga Abisirayeli babiri bariko baragwana, aca agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’
27Uwariko ararenganya mugenziwe aca asunura Mose, amubaza ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? 28Ugomba kunyica nk’uko ejo wishe wa Munyegiputa?’#7:28 Kuvayo 2:14 29Mose avyumvise, aca ahungira mu ntara ya Midiyani, abayo nk’umunyamahanga, avyarirayo abahungu babiri.
30Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu bugaragwa bw’Umusozi Sinayi, mu rubeya rw’umuriro wakira mu gisaka. 31Maze Mose atangajwe n’ivyo abonye, yegera igisaka ngo arabe neza ivyo ari vyo, ni ho yumva ijwi ry’Umwami Imana rimubwira riti: 32‘Ndi Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, ya Isaka, na Yakobo.’#7:32 Kuvayo 3:6 Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.
33Umwami Imana aramubwira ati: ‘Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera. 34Nabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Rero nuze, ngomba kugutuma muri Egiputa.’#7:34 Kuvayo 3:5,7,8,10
35Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro. 36Yabakuje muri Egiputa utwumiza n’ibitangaza yakoreye muri ico gihugu, ku kiyaga gitukura, no mu myaka mirongo ine bamaze mu bugaragwa.
37Uwo Mose nyene ni we mu nyuma yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza uwuvugishwa n’Imana ameze nkanje muri mwebwe.’#7:37 Gusubiramwo 18:15 38Yari kumwe n’ikoraniro rya ba sogokuruza mu bugaragwa, igihe umumarayika yavuganira na we ku musozi Sinayi, agaca amuha amajambo y’ubugingo kugira ngo na we ayaduhe.
39Ariko ba sokuruza bacu baranse kumwumvira, bitandukanya na we, mu mitima yabo bipfuza kwisubirira muri Egiputa. 40Maze babwira Aroni bati: ‘Ducurire imana zo kutuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye Mose, uwadukuye mu gihugu ca Egiputa.’#7:40 Kuvayo 32:1 41Ico gihe ni ho bakora ikigirwamana mw’ishusho y’ishuri y’inka. Bagishikanira ibimazi bongera bagira umusi mukuru wo kwigina ico kintu bari bakoresheje amaboko yabo. 42Maze Imana ica irabareka ngo basenge izuba, ukwezi n’inyenyeri. Kandi ivyo bihuye n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana, bivuga ngo:
‘Mbega ibimazi n’amashikanwa mwatanze mu bugaragwa,
muri irya myaka mirongo ine,
ni jewe mwabishikaniye ga yemwe Bisirayeli?
43Oya, mwari mwitwaje ihema rya Moleki#7:43 Moleki cari ikigirwamana c’Abanyakanani.,
n’ikimenyetso c’inyenyeri c’ikigirwamana canyu Refani#7:43 Refani na co cari ikigirwamana citiriwe isi bita Saturune.,
ibishushanyo mwicuriye ngo mubisenge.
Ni co gituma nzobirukana mukaja kure hirya y’i Babiloni.’#7:43 Amosi 5:25-27
44Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano bagendana mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, hakurikijwe ishusho yari yeretswe. 45Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje barizanye igihe bafata iki gihugu, Imana imaze kucirukanamwo amahanga yakibamwo imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika mu gihe c’umwami Dawidi. 46Dawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo. 47Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.
48Yamara, Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana yavuze ati:
49‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami,
isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.
Canke mwonyubakira inzu nyabaki?
Ni ko Uhoraho abaza.
Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?
50Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’#7:50 Yesaya 66:1,2
51Mwa ntagondwa mwe! Imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera. 52Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Mugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica, 53kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”
Setefano yicishwa amabuye
54Abagize inama nkuru y’Abayuda bumvise ivyo, ishavu rirabarengera bashinga amenyo ku yandi kubera uburake. 55Ariko Setefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza bw’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana. 56Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”
57Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwumve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarako icarimwe, 58bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Mu kumutera amabuye, abariko baramurega babanje kwikura imitamana yabo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.
59Bakiriko baramutera amabuye, Setefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.” 60Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.
Currently Selected:
Ivyakozwe 7: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.