Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwumve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarako icarimwe, bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Mu kumutera amabuye, abariko baramurega babanje kwikura imitamana yabo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.