YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 6

6
Intumwa zitoranya abo kugaburira abakene
1Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi. 2Bamwe cumi na babiri baca bakoranira hamwe n’abandi bigishwa, bavuga bati: “Si vyiza ko dufata minenegwe igikorwa co kugabura ijambo ry’Imana bitumwe no kugabura ivyokurya. 3Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa, 4hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”
5Abari ngaho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Setefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.#6:5 Aya mazina yose avugwa hano ni ay’Abayuda bavuga Ikigiriki. 6Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.
7Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa kiragwira cane i Yerusalemu, kandi n’abaherezi benshi bo mw’idini ry’Abayuda barizera.
Setefano Afatwa
8Setefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ubushobozi vy’Imana, vyatuma akora ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi imbere y’abantu. 9Maze abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi y’abiyita Abahoze ari abagurano bidegemvya,#6:9 Abasengera muri iri sinagogi bari abagurano b’Abayuda bahawe umwidegemvyo. ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Setefano. 10Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge yahabwa na Mpwemu Yera iyo ariko aravuga.
11Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bamurega bati: “Twumvise Setefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana.”
12Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abakuru b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Setefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko. 13Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyoma, bavuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’ivyagezwe. 14Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”
15Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.

Currently Selected:

Ivyakozwe 6: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in