YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 5

5
Ivyabaye kuri Ananiya na Safira
1Ariko hari umugabo yitwa Ananiya, yari afise umugore yitwa Safira. Bagurisha itongo ryabo babigiye inama. 2Aca yumvikana n’umugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, bazana ayasigaye bayashikiriza intumwa.
3Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe? 4Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire mu mutima wawe ukore ikibi nk’ico? Erega si twebwe wahenze, ahubwo wahenze Imana!”
5Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba. 6Maze abasore bari aho bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.
7Haciye nk’amasaha atatu umugore wiwe aca arashika, atazi ivyabaye. 8Petero aramubaza ati: “Tubwire! Aya ni yo mahera yose mwe na Ananiya mwakuye mw’itongo mwagurishije?”
Safira ati: “Egome, ni ayo.”
9Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”
10Ubwo nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vya Petero, aracikana. Ba bantu baca barinjira, basanga na we arapfuye, baca baja kumuhamba, bamuryamika i ruhande y’umugabo wiwe. 11Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.
Intumwa zikiza abagwaye benshi
12Inyuma y’ivyo, intumwa zibandanya zikora ibitangaza n’utwumiza mu bantu, kandi abizera bose bama bahurira hamwe mw’ibaraza rya Salomo, bahuje umutima n’inama. 13Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane. 14Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana. 15Vyatuma kandi abantu benshi bama bazana abagwaye bakabaryamika mu nderuzo no ku birago i ruhande y’inzira, kugira ngo Petero arenganye igitutu ciwe gipfume kibacako. 16Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.
Intumwa zihamwa
17Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari. 18Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero. 19Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora. 20Maze arababwira ati: “Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha.”
21Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha.
Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa. 22Ariko ba barinzi b’urusengero bashitse kw’ibohero, ntibabasangayo, baca basubira inyuma gutanga inkuru, 23bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata n’umwe ariyo.” 24Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.
25Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.” 26Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.
27Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha. 28Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”
29Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu! 30Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba. 31Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo. 32Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”
33Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha. 34Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa. 35Aca ababwira ati: “Bagabo b’Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu. 36Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baca barasanzara, ntibagira ico bashikako. 37Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi y’urusansuma, arongoye umugwi w’abantu batera umudurumbanyo. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara. 38None rero n’ubu ndabahanure: Nimurekure aba bantu bigire! Kuko nimba ivyo bariko barakora vyavuye ku bantu, Nta ho bizoshika. 39Ariko nimba biva ku Mana, ntimuzoshobora kubagwanya; ahubwo muzosanga muriko mugwanya Imana.”
40Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.
41Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo. 42Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.

Currently Selected:

Ivyakozwe 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy