Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni gute wemeye ko Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe? Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire gukora ikintu nk’ico? Erega si twebwe wabeshe, ahubwo wabeshe Imana!”
Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.