YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 4

4
Petero na Yohana barengutswa imbere y’Inama Nkuru
1Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baja aho Petero na Yohana bariko barigishiziza. 2Bari bashavujwe cane n’uko izo ntumwa zariko zigisha abantu, zibabwira ivyo kuzuka kw’abapfuye kubonerwa muri Yesu Kristo. 3Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye. 4Ariko benshi mu bumvise ubutumwa bavuze bari bizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.
5Bukeye, abatware, abakuru n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu. 6Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru. 7Nuko barengutsa Petero na Yohana, babashira hagati, baca batangura kubabazagiza bati: “Ni ubushobozi nyabaki mwakoresheje, canke ni mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”
8Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aca ababwira ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko, 9uwu musi turiko turasambishwa kubera igikorwa ciza cakorewe ikimuga, tubazwa n’ingene cakize. 10Nuko rero mwese nimumenye neza ibi, mwebwe ubwanyu hamwe n’ubwoko bwose bw’Abisirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye. 11Ni we
‘buye ryatawe n’abubatsi,
ariko ryahindutse irigumya imfuruka.’#4:11 Zaburi 118:22
12Nta wundi agakiza karonkerwamwo, atari we, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”
13Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu. 14Kandi kubera babona uwo muntu yakize ahagararanye na bo, nta co bari bafise bashobora gusubizayo. 15Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo. 16Barabazanya bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza kigaragara neza, kandi natwe ntidushobora kubihakana. 17Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina rya Yesu.”
18Nuko barabahamagara, babihanikiriza ngo ntibaze bahirahire ngo bongere kuvuga canke kwigisha mw’izina rya Yesu. 19Maze Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye mu nyonga z’Imana, ari kwubaha mwebwe canke ari kwubaha iyo Mana? Gira ico mubitubwiyeko! 20Kuko twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”
21Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha, bamaze kubura ingene bobahana; kubera abari ngaho bose bariko bashima Imana ku vyabaye. 22Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.
Abizera basenga basaba gushira amanga
23Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abaherezi bakurubakuru n’abakuru bababwiye. 24Bavyumvise, bose baca bashira amajwi yabo hejuru, basenga Imana, bavuga bati: “Mwami Imana uganje vyose, ni wewe waremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose. 25Ni wewe wavuze biciye kuri Mpwemu Yera, no mu kanwa k’umusavyi wawe, sogokuruza Dawidi, uti:
‘Ni kuki amahanga yuzuye uburake,
kandi ni kuki bategura imigambi ata co ishobora gushikako?
26Abami bo mw’isi
bakuye hasi,
n’abatware bagiye hamwe ngo bagwanye Uhoraho
n’uwo yarobanuje amavuta.’#4:26 Zaburi 2:1,2
27Ni mu vy’ukuri ivyo vyarabaye, Herode Antipa, Pontiyo Pilato, Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bw’Abisirayeli bo muri iki gisagara, barifatanije kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta. 28Ariko bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe. 29None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga rwose. 30Gorora ukuboko kwawe maze ukize ingwara, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”
31Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga rwose.
Abizera basangira ivyabo
32Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose. 33Intumwa zabandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose. 34Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe, 35bakayashikiriza intumwa, maze na zo zikayabagabanganya, umwumwe wese akaronka ayakwiranye n’ivyo akenye.
36Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zise Baranaba (risobanura ngo Umuntu atera intege), 37yagurishije itongo ryiwe aca azana amahera yose yarigurishije, ayashikiriza intumwa.

Currently Selected:

Ivyakozwe 4: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in