Ivyakozwe 3
3
Petero akiza ikimuga
1Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda. 2Hariho umuntu yavutse amugaye, bakama imisi yose bamujana bakamushira kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero. 3Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega. 4Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!” 5Uwo muntu aca abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe.
6Ariko Petero aca amubwira ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguhaye. Mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, va hasi utambuke!” 7Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera. 8Nuko aca atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka neza, yiterera hejuru, ahimbaza Imana. 9Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana, 10bamenya ko ari umwe yahora yama yicara kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza asegerereza. Barumirwa cane, batangajwe n’ibihejeje kumubako.
Petero yigisha mu rusengero
11Kubera ko wa muntu yaguma afashe Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane. 12Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka? 13Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ihesheje icubahiro umusavyi wayo Yesu, uwo mwanse, mukamushikiriza Pilato ngo yicwe, naho we yari yahisemwo kumurekura. 14Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi. 15Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, twebwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe. 16Ni kubwo kwizera izina rya Yesu, uwu muntu mubona kandi muzi yakize. Ni kubwo kwizera Yesu n’izina ryiwe vyamukijije neza nk’uko namwe mwese muvyibonera.
17None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu. 18Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa. 19Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana, 20maze yongere ibarungikire uwo yabasezeraniye ngo ababere Kristo, ari we Yesu. 21Uwo akwiye kuguma mw’ijuru kugeza igihe Imana izohindurira ibintu vyose bikaba bisha, nk’uko yabivuze kera ikoresheje abavugishwa bayo bera. 22Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza uwuvugishwa n’Imana ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose. 23Uwutazomwumvira aze arandurwe mu bwoko bwiwe.’#3:23 Gusubiramwo 18:15,18,19
24Kandi, n’abandi bavugishwa n’Imana bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi. 25Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa b’Imana, n’abana b’isezerano iyo Mana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’#3:25 Itanguriro 22:18; 26:4 26Imana yazura umusavyi wayo, maze ica ibanza kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”
Currently Selected:
Ivyakozwe 3: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.