2 Timoteyo 4
4
1 #
Ivyak 10:42; 1 Pet 4:5; Rom 14:9, 10. Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe: 2#Ivyak 20:20, 31.uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha. 3#2 Tim 1:13; 1 Tim 4:1.Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo, 4#1 Tim 4:7; 2 Tes 2:11.kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma. 5#2 Tim 2:3; Ef 4:11.Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.
6 #
Flp 2:17. Kuko jeho n’ubu ndiko ndasukwa nk’ibisukwa ku gicaniro, igihe co gutāmbūra kwanje kirashitse; 7#1 Kor 9:25; 1 Tim 6:12; Flp 3:14.narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera. 8#2 Tim 2:5; Yak 1:12; 1 Pet 5:4; Ivyah 2:10.Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.
Amajambo yo guherezako
9 #
2 Tim 1:4. Gira umwete wo kuza aho ndi vuba. 10#Kol 4:14.Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya. 11#Ivyak 15:37; Kol 4:10.Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kukw angirira ikimazi mu gikorwa c’ibango ryanje. 12#Ivyak 20:4; Ef 6:21; Kol 4:7.Ariko Tukiko namurungitse muri Efeso. 13Ah’ uzozira uranzanira impuzu yo kwipfuka nasize i Tirowa kwa Karupo, n’ibitabo, kandi cane‐cane uz’ uzane ivy’ insāto. 14#1 Tim 1:20; 2 Sam 3:39; Zab 28:4; 62:12; Imig 24:12.Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze. 15Nawe umwiyubare kuko yarwanije amajambo yacu cane. 16#2 Tim 1:15.Mw ibūrana ryanje rya mbere nta wanyikije, ariko bose barantaye: icompa ntibabiharūrweko. 17#Zab 22:21; Dan 6:21-28; Ivyak 23:11; 27:23.Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge. 18Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngw anjane mu bgami bgiwe bgo mw ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amen.
19 #
Ivyak 18:2; 2 Tim 1:16. Untahirize Purisikila na Akwila n’abo kwa Onesiforo. 20#Ivyak 19:22; 20:4; 21:29.Erasito yagumye i Korinto, ariko Tirofimo namusize i Mileto arwaye. 21Gira umwete wo kuza urushana rutarajobanya. Ewubulo arakuganutsa, na Pudenti na Lino na Kilawudiya na bene Data bose.
22Umwami abane n’umutima wawe. Ubuntu bg’Imana bubane namwe.
Currently Selected:
2 Timoteyo 4: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967