YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 8

8
Ubugingo bgo muri Mpwemu
1Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. 2#Rom 3:27; 7:23, 24.Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu. 3#Yoh 1:14; Flp 2:7; Ivyak 13:38; 15:10; Heb 2:17; 4:15.Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri, 4#Gal 5:16, 25.kugira ngw ivy’ ivyagezwe bibgiriza bishikanwe muri twebge, tutagenda mu buryo bg’akameremere kacu, ariko tugenda mu bg’ impwemu. 5Kukw abaganzwa n’akameremere k’umubiri bitwaririka ivy’ umubiri, kand’ abaganzwa n’impwemu bitwaririka ivy’ impwemu. 6#Rom 6:21.Kwitwaririka ivy’ umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy’ impwemu kuzana ubugingo n’amahoro. 7#Mat 12:34; Yak 4:4; Yoh 8:43; 12:39.Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira. 8Kand’ abaganzwa n’akameremere k’umubiri ntibashobora guhimbara Imana.
9 # 1 Kor 3:16; 12:3. Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe. 10#Gal 2:20; Flp 1:21; 1 Pet 4:6.Bisanzwe Kristo ari muri mwebge, umubiri uba upfuye kubg’ icaha, arikw impwemu ni nzima kubgo kugororoka. 11Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge. 12#Rom 6:7, 18.None rero, bene Data, turi n’umwenda, atar’ uw’ akameremere kacu, ngo twitondere ivyako. 13#Gal 6:8; Ef 4:22-24.Kuko namba mwitondera ivy’ akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’ umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.
Ivy’ ukuba abana b’Imana
14Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana. 15#2 Tim 1:7; Gal 4:5, 6.Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba,#8:15 Abba n’ijambo ry’Igiheburayo risobanurwa ngo Data. Data. 16#2 Kor 1:22.Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana. 17#Gal 4:7; Ivyah 21:7.Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.
Ivy’ ubgiza tuzohishurirwa
18 # 2 Kor 4:17; Rom 5:2. Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa. 19#Kol 3:4.Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane. 20#Umus 1:2; Ita 3:17-19; 5:29.Kukw ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n’Iyageze ko biganzwa birtyo, 21#2 Pet 3:13; 1 Yoh 3:2.kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana. 22Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu: 23#2 Kor 5:2; Gal 5:5.kandi si co gusa, ariko natwe abafise umushuzo wa Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b’Imana, ni kwo gucungurwa kw’ imibiri yacu. 24#2 Kor 5:7.Kuko twakijijwe mu buryo bgo kugira ico twiteze: arikw icari citezwe iyo kibonetse ntikiba kicitegwa. Ic’ umuntu abonye, yoba akicitega ate? 25Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.
26Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubgiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa; 27#Zab 139:1; 1 Kor 4:5.arikw Īsesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuk’ ukw Imana igomba ari ko Mpwemu asengera abera. 28#Ef 1:11; 3:11.Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye. 29#Kol 1:18; Heb 1:6.Kukw abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw abe imfura muri bene Se benshi: 30abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.
Urukundo rw’Imana
31 # Zab 118:6; Mat 1:23. Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde? 32#Yoh 3:16.Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we? 33#Yes 50:8.Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega n’Imana, kand’ ari yo ibatsindanishiriza? 34#Zab 110:1; 1 Yoh 2:1.Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera. 35Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota? 36Nk’uko handitswe,
ngo Twirirwa twicwa, bakuduhōra,
Twagereranijwe n’intama z’imbagwa.#Zab 44:22; 2 Kor 4:11.
37 # Yoh 16:33. Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. 38Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi, 39cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.

Currently Selected:

Abaroma 8: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in