Abaroma 3
3
Paulo yishura abamuhāririza
1Non’ Umuyuda aruta abandi ate? Canke gukebga kumara iki? 2#Rom 9:4; Gus 4:7, 8; Zab 147:19, 20; 103:7; 1 Pet 4:11.Arabibarusha vyose. Ica mbere, n’ukw Abayuda bābikijwe ivyavuzwe n’Imana. 3#Rom 9:6; 11:29; 2 Tim 2:13.Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivy’ Imana yizigiweko? 4Biragahera: arikw Imana iboneke kw ar’ inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi: nk’uko handitswe,
ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke k’ugororotse,
Kand’ utsinde ni washika mu rukinja.#Zab 116:11; 51:4.
5Ariko namb’ ukugabitanya kwacu kwāshimagije ukugororoka kw’Imana, tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya, kukw iduhanisha uburake bgayo? Mbivuze nk’imvugo y’abantu. 6Eka na mba! Iyo biba birtyo, Imana yociriye abari mw isi urubanza ite? 7Ariko namb’ ibinyoma vyanje vyatumye ukuri kw’Imana kurushiriza kwerekanwa, bikayitera icubahiro, n’iki gituma nanje ncirwa urubanza nk’umunyavyaha? 8#Rom 6:1, 2.Kandi n’iki kitubuza gukora ibibi kugira ngw ivyiza bibeho? (nk’uko batubeshera, kandi bamwe bavuga ko twigisha). Abakora bartyo bazocirwa urubanza bakwiranye.
Uko bose baganzwa n’icaha
9 #
Rom 1:18—2:24. Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n’Abagiriki bose ko baganzwa n’icaha: 10nk’uko handitswe,
ngo Nta wugororoka, nta n’umwe,#Zab 14:1-3; 53:2-4.
11Nta wutahura,
Nta wurondera Imana.
12Bārazimiye iyo bava bakagera, bose bācitse imburakimazi,
Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.
13 #
Zab 5:9; 140:3. Imihogo yabo n’imva zirangāye,
Bāhendahendanishije indimi zabo;
Ubumara bg’inzoka buri mu binyigishi vyabo.
14 #
Zab 10:7. Akanwa kabo kuzuye ukuvuma no kujingitwa,
15 #
Yes 59:7, 8. Ibirenge vyabo vyihutira kuvisha amaraso.
16Guhonnya no kubabaza biri mu nzira zabo,
17Inzira y’amahoro ntibāyimenye;
18 #
Zab 36:1. Nta gutinya Imana kuri mu maso yabo.
19 #
Rom 2:12; Gal 3:22. Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana: 20#Zab 143:2; Rom 7:7; Gal 2:16.kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.
Ukugororoka kuva ku Mana
21 #
Ivyak 10:43; Rom 1:17. Ariko noneh’ ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, 22n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro; 23#Rom 3:9, 19; 5:12.bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana; 24#Rom 5:1; Ef 2:8.batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu: 25#Lew 16:12-15; Heb 4:16; Ef 1:7.uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo; 26no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo mur’ iki gihe, ngw ibe Īgororoka n’Ītsindanishiriza uwizeye Yesu.
27 #
1 Kor 1:29, 31. None rer’ ukwihaya kuri hehe? Kwarabujijwe. Kwabujijwe n’ivyagezwe ki? Mbega n’ivy’ ibikorwa? Haba na mba: kwabujijwe n’ivy’ ukwizera. 28#Gal 2:16.Ni co gituma twiyumvira yuk’ umuntu atsindanishirizwa n’ukwizera, ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa. 29#Rom 10:12.Cank’ Imana n’iy’ Abayuda bonyene? Mbega s’iy’ abanyamahanga na bo? Ego me, n’iy’ abanyamahanga na bo: 30#Rom 4:11, 12.kw Imana ar’ imwe, izotsindanishiriza abākebge kubg’ ukwizera, kand’ izotsindanishiriza abatākebge babiheshwa n’ukwizera. 31#Rom 4:3; 8:4; Mat 5:17.Mbega non’ ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba: ushime turabigumisha.
Currently Selected:
Abaroma 3: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967