1
Abaroma 3:23-24
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana; batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu
Compare
Explore Abaroma 3:23-24
2
Abaroma 3:22
n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro
Explore Abaroma 3:22
3
Abaroma 3:25-26
uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo; no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo mur’ iki gihe, ngw ibe Īgororoka n’Ītsindanishiriza uwizeye Yesu.
Explore Abaroma 3:25-26
4
Abaroma 3:20
kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.
Explore Abaroma 3:20
5
Abaroma 3:10-12
nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’umwe, Nta wutahura, Nta wurondera Imana. Bārazimiye iyo bava bakagera, bose bācitse imburakimazi, Nta wukora ivyiza, eka nta n’umwe.
Explore Abaroma 3:10-12
6
Abaroma 3:28
Ni co gituma twiyumvira yuk’ umuntu atsindanishirizwa n’ukwizera, ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa.
Explore Abaroma 3:28
7
Abaroma 3:4
Biragahera: arikw Imana iboneke kw ar’ inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi: nk’uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke k’ugororotse, Kand’ utsinde ni washika mu rukinja.
Explore Abaroma 3:4
Home
Bible
Plans
Videos