YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 16

16
Intasho
1Mbashimiye Foyibe mwene Data, ni we mukozi w’ishengero ry’i Kenkireya, 2ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.
3 # Ivyak 18:2, 18, 26. Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu, 4kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima. 5#1 Kor 16:15, 19.Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo. 6Muntahirize Mariya yakoreye mwebge cane. 7#2 Kor 8:23.Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, abābohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo. 8Muntahirize Ampuliyato, uwo nkunda mu Mwami wacu. 9Muntahirize Urubano, akorana natwe muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda. 10Muntahirize Apele yagejejwe akarama muri Kristo. Muntahirize abo mu bo kwa Arisitobulo. 11Muntahirize Herodiyoni dusangiye umuryango. Muntahirize abo mu bo kwa Narukiso, abari mu Mwami wacu. 12Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane. 13#Mrk 15:21.Muntahirize Rufo, yatoranijwe n’Umwami, na nyina ni nka mama. 14Muntahirize Asunkirito, na Fulegoni, na Herume, na Patiroba, na Heruma, na bene Data bari kumwe na bo. 15Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n’abera bose bari kumwe na bo. 16#1 Kor 16:20; 1 Pet 5:14.Muramukanishe kugumbirana kwera. Amashengero ya Kristo yose arabaganūtsa.
17 # Mat 7:15; Tit 3:10. Ariko bene Data, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire. 18#Flp 3:19; Ezk 13:18; Kol 2:4; 2 Pet 2:3.Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza. 19#Rom 1:8; Mat 10:16; 1 Kor 14:20.Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi. 20Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu.
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.#Rom 15:33; Ita 3:15.
21 # Ivyak 16:1; 19:22; 20:4; Flp 2:19. Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.
22Nanje Terutiyo, nanditse iki cete, ndabaganūtsa mu Mwami wacu.
23 # 1 Kor 1:14. Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa.
[24Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amen.]
Paulo ashima Imana
25 # Ef 1:9; 3:5, 9; Kol 1:26. Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose, 26#2 Tim 1:10; Rom 1:5.ariko mur’ iki gihe riraserutse, kand’ ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana birimenyesheje amahanga yose, nk’ukw Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera, 27#1 Tim 1:17; Yud 1:25.Imana ifise ubgenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubga Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amen.

Currently Selected:

Abaroma 16: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in