Abaroma 15
15
1Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza. 2#1 Kor 9:19; 10:24, 33.Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe. 3#Zab 69:9.Kuko na Kristo atinejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe. 4#Rom 4:23, 24; 1 Kor 10:11.Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba. 5#Flp 3:16.Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba, 6kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.
Uk’ ubutumwa bgiza bgavuzwe mu banyamahanga
7Nuko mwemerane, nk’uko Kristo na we yabemeye, kugira ngw Imana ishimishwe. 8#Mat 15:24; Ivyak 3:25.Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe, 9kandi ngw abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo, nk’uko handitswe,
ngo Ni co gituma nzogutazira mu mahanga,
Ndirimbe izina ryawe.#Rom 11:30; Zab 18:49; 2 Sam 22:50.
10 #
Gus 32:43. Kandi yongera kuvuga,
ati Yemwe banyamahanga ni munezeranwe n’abantu bayo.
11 #
Zab 117:1. Kand’ arongera,
ati Yemwe banyamahanga mwese, ni mushime Uhoraho,
Kand’ amoko yose amuhimbaze.
12 #
Yes 11:10; Ivyah 5:5. Kandi Yesaya na we yaravuze,
ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi,
Ni we azohaguruka kuganza amahanga,
Ni we abanyamahanga bazokwizigira.
13Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.
Paulo avuga icatumye yandikira Abaroma
14Bene Data, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubgenge bgose, mushobora no guhanūrana. 15#Rom 1:5; 12:3.Ariko mbandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk’ūbibutsa, kubg’ ubuntu nahawe n’Imana, 16#Rom 11:13; Flp 2:17.ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera. 17Nuko mfise ukwirata mu vy’Imana muri Kristo Yesu. 18#2 Kor 3:5.Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa, 19#Mrk 16:17.n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko, 20#2 Kor 10:15, 16.namanye imigabo yo kuvuga ubutumwa bgiza, ah’ izina rya Kristo ritaribgamenyekane, ngo sinubake kw itanguriro ryubatswe n’uwundi: 21yamara ngo bimere nk’uko handitswe,
ngw Abatīgāniwe ivyiwe bazobibona,
Kand’ abataravyumva bazovyitegereza.#Yes 52:15.
Ingendo Paulo yar’ agabiye kuzogenda
22 #
Rom 1:10-13. Ni co gituma ngira igisīvya kenshi co kuza i wanyu: 23ariko none ntihakinyagukiye mur’ ibi bihugu, kand’ uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu, 24#1 Kor 16:6.aho nzogīra i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobarāba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kubashira inkumbu buhoro. 25#Ivyak 19:21; 20:22.Arik’ ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera. 26#1 Kor 16:1; 2 Kor 8:1; 9:2, 12.Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu. 27#Rom 9:4; 1 Kor 9:11.Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namb’ abanyamahanga bāsangiye ivy’ impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy’umubiri. 28Ni naheraheza ivyo, mmaze kubashikiriza neza izo mbuto z’ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya. 29#Rom 1:11.Kandi ndazi yukw aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.
30 #
2 Kor 1:11; Flp 1:27; Kol 4:3; 2 Tes 3:1. Nuko ndabinginga, bene Data, kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, no kubg’ urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana, 31nkire ab’i Yudaya batayumvira, kand’ ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n’abera; 32mbone uko nza i wanyu nnezerewe, Imana ni yabikunda, nduhukane namwe. 33Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen.
Currently Selected:
Abaroma 15: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967