Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose, ariko mur’ iki gihe riraserutse, kand’ ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana birimenyesheje amahanga yose, nk’ukw Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera, Imana ifise ubgenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubga Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amen.